Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 5:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Reka nje ku bakuru, mvugane na bo; kuko bo bazi inzira y’Uhoraho, n’ukuroranya kw’Imana yabo. Ariko na bo nyene bāhūrije inama hamwe kuvuna ingōgo no gucagagura imvuto.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 5:5
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbere n’abaherezi bakuru‐bakuru bose bo n’abantu bāgize ivy’ ubuhemu bginshi, bakaja mu vy’ibizira vyose vy’ubuyobe vy’abanyamahanga, bakanduza ingoro y’Uhoraho, iyo Uhoraho ubgiwe yari yarejeje i Yerusalemu.


Maze Mose abonye kw abantu bīrekuriye mu buyobe, kuko Aroni yabakundiye kwirekurira muri bgo, bagahinduka agatwengo ku bansi babo,


Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.


Kuk’ uhereye kera wavunnye ingōgo yawe, ugacagagura imvuto, ukavuga, uti Sinkikugera inyuma! Mbere nta ho utāgiye uryama nka maraya ku musozi wose muremure no musi y’igiti cose gitōtahaye.


Yemwe runganwe rw’iki gihe, ni murābe ijambo ryanje, jewe Uhoraho. Mbeg’ Abisirayeli nababereye ubugaragwa? Canke se nababereye igihugu c’umwiza w’umuzitanya? N’iki gituma abantu banje bavuga, bati Turidohoye: ntitukigomba kukugarukako?


Abūzure bawe bose barakwibagiye; ntibakikubabaye; kuko ngukomerekeje nk’ūkomerekejwe n’umwansi, ngukubise bga ruburakigongwe; ni kubg’ ibigabitanyo vyawe vyinshi, kukw ivyaha vyawe vyari vyiyongeranije.


Kuk’ uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye, umuntu wese yifuza inyungu mbi; kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.


Mber’ igisīga sarumfune co mu kirēre kizi ibihe vyaco cāgerewe, kand’ intunguru n’intamba n’inyanāna bimenya ibihe vyavyo vyo kuziramwo; arikw abantu banje bo ntibazi ibgirizwa ryanje, jewe Uhoraho.


Bafora ururimi rwabo nk’umuheto, kugira ngo barekure ibinyoma; bācitse abahambaye mu gihugu, ariko batabiheshejwe n’ukuri: kuko bava mu bibi bakaja mu bindi, kandi ntibammenye, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, abo ni ba bantu bīgīra imigabo y’ivyo kugabitanya, bakagīra abo mur’ iki gisagara inama z’ibibi;


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Yesu amwitegereje aravuga, at’ Erega biragoye kw aba vyinshi binjira mu bgami bg’Imana!


Arikw abantu biwe bāramwanka, bamukurikiza intumwa, bat’ Uyo ntitugomba kw atuganza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ