5 Reka nje ku bakuru, mvugane na bo; kuko bo bazi inzira y’Uhoraho, n’ukuroranya kw’Imana yabo. Ariko na bo nyene bāhūrije inama hamwe kuvuna ingōgo no gucagagura imvuto.
Kuk’ uhereye kera wavunnye ingōgo yawe, ugacagagura imvuto, ukavuga, uti Sinkikugera inyuma! Mbere nta ho utāgiye uryama nka maraya ku musozi wose muremure no musi y’igiti cose gitōtahaye.
Kuk’ uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye, umuntu wese yifuza inyungu mbi; kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.
Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!
Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!