4 Maze ndavuga, nt’ Erega n’ukw ari ba nyarucari: n’ibijuju, kuko batazi inzira y’Uhoraho, ntibamenye n’ukuroranya kw’Imana yabo.
Amashami yaho ni yuma azohānyurwa; abagore bazoza bayacane; kukw iryo hanga ar’ iritagira ubgenge; ni co gituma Iyabaremye itazobagirira akagongwe, kand’ Iyababumvye itazobagirira akantu.
maze bagaha ico gitabo ūtazi gusoma, bat’ Enda se soma iki: akabishura, ati Ko ntazi gusoma.
Ariko bose uko bangana n’ibiyingiyingi n’ibipfu; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti.
Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.
Mbega ko mwizigiye amagambo y’ibinyoma adafise ikimazi!
Mber’ igisīga sarumfune co mu kirēre kizi ibihe vyaco cāgerewe, kand’ intunguru n’intamba n’inyanāna bimenya ibihe vyavyo vyo kuziramwo; arikw abantu banje bo ntibazi ibgirizwa ryanje, jewe Uhoraho.
Bafora ururimi rwabo nk’umuheto, kugira ngo barekure ibinyoma; bācitse abahambaye mu gihugu, ariko batabiheshejwe n’ukuri: kuko bava mu bibi bakaja mu bindi, kandi ntibammenye, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.
Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.