Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Mbeg’ Uhoraho, inyonga zawe ntizitegereza ivy’ ukuri? Warabakubise, ntibābibabara; warabatūbije, banka guhaha: bākomantaje mu maso habo gusumvya ibuye; banse kugaruka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 5:3
45 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye bg’aho, umukuru abgira murumuna we, at’ Iri joro ryakeye naryamanye na data: twongere tumutereke n’iri joro, nawe ugende uryamane na we, duhonore data.


No hanyuma y’ivyo, Yerobowamu ntiyahindukiye ngw areke inzira yiwe mbi, arikw akomeza gupfa gutoranya mu bantu bose abo agira abaherezi bo mu bitabo; uwabigomba wese yaramurobanura, kugira ngw abe umuherezi wo mu bitabo.


Umwami arongera atuma uwundi mugabisha w’ingabo mirongwitanu nyene, ari kumwe n’izo ngabo ziwe. Uwo mugabisha wa gatatu aradūga; ashitse apfukama imbere ya Eliya, aramwinginga, ati Yewe muntu w’Imana, ndakwinginze, amagara yanje bo n’ay’ aba basavyi bawe ukw ari mirongwitanu n’agutere imbabazi.


Kand’ inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye. Mu vyo wakoze ivyo, wakoze ivy’ ubupfu; nuk’ uhereye ubu uzohora ubona intambara.


Maz’ uwo mwami Ahazi nyene, igihe aburaniwe arushiriza kuja imbere gucumura k’ Uhoraho,


Rāba, ugomba ukuri hirya mu mutima, Mu bgigobeko bgawo uzommenyesha ubgenge.


Unyumvishe umunezero n’ uguhimbarwa, Kugira ngw amagufa wavunnye anezerwe.


Wa wundi yarāmvuye amaboko ngw arwanye abābana na we amahoro, Yahumanije isezerano ryiwe.


Umuntu w’umunyakibi nta dusoni agira mu maso, Arik’ umugororotsi yitondera inzira ziwe.


Inyonga z’Uhoraho zizigama ūfise ubgenge, Arikw amagambo y’igihemu arayatītūra.


Ukavuga, uti Bārankubise, sinababara, Bāranyegaguye, sinavyumva: Nzokwikangura ryari? Na ho nyene nzosubira kuyirondera.


Igipfu naho wogisekurana n’ impeke mw isekuro, ugisekuje umuhini, Ubupfu bgaco ntibgokivako.


Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.


Ni co catumye aturekurirak’ uburake bgiwe bg’inkazi n’intambara zikomeye; bikaduturira impande zose, kandi ntitwabimenya, vyaraduturiye yamara ntitwabishirak’ umutima.


Nari nzi k’udakūrwa kw ijambo, kandi kw izosi ryawe ari nk’umutsi umeze nk’icuma, n’uruhanga rwawe ari nk’umuringa:


Yamar’ abantu ntibāhindukiriye uwabakubise, kandi ntibārondeye Uhoraho Nyen’ ingabo.


Nabagosoje urutaro ku marembo y’igihugu; nabakūyekw ibibondo, mponnya abantu banje: ariko ntibāhindukira ngo bave mu nzira zabo mbi.


yamara bo ntibānyumvira, canke ngo batege amatwi, ariko bāgamika amazosi ngo boye kwumva, canke ngo bemere kwigishwa.


at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana kur’ iki gisagara, no ku bindi bisagara vyose vyo hafi yaco, ivyago vyose nakigeneye, kuko bāgamitse amazosi yabo, bakanka kwumva amajambo yanje.


Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.


Ni co gitumye imvura ibuzwa, ntigwe no mu gihe cobaye urushana; yamara na ho nyene wāraritse uruhanga nka maraya, ntiwaruha ugira n’udusoni.


ur’ umujanama ahambaye, ur’ umunyenkomezi mu bikorwa; inyonga zawe zītegereza ingeso zose z’abana b’abantu, kugira ng’ ugerere umuntu wese ibikwiranye n’ ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyamuje.


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Genda ubarire abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, uti Mbega ntimworuha mwemera indero yanje ngo mwumvire amajambo yanje? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Ntibarīcīsha bugufi gushitsa no kur’ uyu musi, ntibaratinya, ntibaragendera mu vyagezwe vyanje, canke mu mabgirizwa yanje, ivyo nashize imbere yanyu n’imbere ya ba sogokuruza.


ariko na ho nyene ntibānyumvira, canke ngo batege ugutwi kwabo, ariko bagamika amazosi yabo; bagatako bagakora ibibi birengeye ivya ba sekuruza.


Ubabgire, ut’ Ubu ni bgo bgoko butumviye Uhoraho Imana yabo, ntibemere kwigishwa: ukuri kurapfuye, kurazimiriye mu kanwa kabo.


None rero n’iki cashubije inyuma aba bantu b’i Yerusalemu, bagasubira inyuma akagīrīre? Bakobereza ubugunge, bakanka kugaruka.


N’abana b’inshinyaguza b’imitima ikomantaye: abo ni bo ngutumyeko. Uz’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize.


Mu myanda yawe harimw’ ubushakanyi; kuko nagutunganije, ntutungane, nta ho uzokwongera gutunganywa ng’uvekw imyanda yawe, gushitsa aho nzoba nkwimazekw ishavu ryanje.


Ivyo vyago vyose vyadushitseko nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose; yamara nta ho twinginze Uhoraho Imana yacu ngw idutunge, canke ngo tureke n’ibigabitanyo vyacu, ngo tumenye ivy’ ukuri kwayo.


Ivyo ni bitātuma mwihana ngo mumpindukirire, ariko mugashishikara kugenda munyuranya nanje,


Nabateje ikīza nk’icateye muri Egiputa: imisore yanyu nayicishije inkota, nnyaga amafarasi yanyu; natumye umunuko ur’ aho mushagaje ubinjira mu mazuru: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.


Nasanganguye ibisagara bimwe vyanyu nko mu gihe jewe Imana nahenebereza Sodomu na Gomora, muba nk’ igishirīra cokowe mu muriro: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


Nanje nabahaye kuba ubgūmakanwa mu bisagara vyanyu vyose, no kubura ivyo kurya mu ngo zanyu zose; na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.


Nukw abo mu bisagara bibiri canke bitatu bakanyavūtira mu gisagara kimwe kunywa amazi, ntibashire inyota: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.


Nabateje kurumvya bo n’ururyi: isinzi ry’ imirima yanyu yakegeswe n’inzige, bo n’inzabibu zanyu, n’imisukoni yanyu, na elayo zanyu: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


Nari nibgiye, nti N’ukuri uzontinya, uzokwemera guhanūrwa, ngw inzu zawe zoye gusangangurwa, nk’uko nari mmaze kubishinga vyose: ariko bama bazindukanwa no kwonona ibikorwa vyabo vyose.


Ariko turazi yuk’ urubanza rw’Imana ar’ urw’ ukuri, urwo icira abakora ibisa birtyo.


Kandi twari dufise ba data b’imibiri, bāradukāngīra, natwe tukabubaha: none ntituzorushiriza cane kugororokera Se w’impwemu tugahoraho?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ