Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 5:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Yamar’ ubu bgoko bgo bufise umutima ugarariza, ugābagāba; bāragararije, baracika.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 5:23
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Boye kuba nka ba sekuruza, Rwa runganwe rw’ibigāba kandi rw’abagarariji, Urunganwe rw’abatitunganiriza imitima, Imitima yabo itayoboka Imana.


Nashavuriye ab’ ico gihe imyaka mirongwine, Ndavuga, nt’ Aba n’abantu bama bazimira mu mitima yabo, Kandi ntibamenya inzira zanje.


Mbega n’ubu muracadaramīra ngo mukubitwe, ko mwiyongeranya kugarariza? Umutwe wose urarwaye, umutima wose uradendebukiwe.


Yemwe Bisirayeli, ni muhindukirire uwo mwagararije ruhebga.


Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?


Bakikije Yerusalemu nk’abarinda ivyona umurima, kuko hangararije, ndabivuze jewe Uhoraho.


Reka nje ku bakuru, mvugane na bo; kuko bo bazi inzira y’Uhoraho, n’ukuroranya kw’Imana yabo. Ariko na bo nyene bāhūrije inama hamwe kuvuna ingōgo no gucagagura imvuto.


Bose n’abagarariji bitovugwa, bagenda barementanya; bameze nk’imiringa n’ivyuma; bose bakora ivy’ ubugunge.


Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.


Ivyaha vy’abantu banje ni vyo vyo kurya vyabo; bashira imitima ku bigabitanyo vyabo.


Uzobona ibara, urya murwa wagararije, wanduye, kand’ uhahaza!


Umuntu ni yagira umwana w’ intabarirwa w’ikigāba, atumvira se na nyina, naho bomukubita agakomeza kutumva;


Kuko nzi ubugarariji bganyu, n’ukuntu mutagonda izosi; ko mukunda kugarariza Uhoraho nkiriho, nkiri kumwe namwe mur’ iki gihe, ntimuzorushiriza ni namara gupfa?


Bene Data, ni mwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ