Yeremiya 5:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)22 muti Mbega nta n’ukuruha mumutinya? ni k’Uhoraho abajije; muti Nta guhindira agashitsi imbere yiwe, kand’ ari we yashinze umusenyi ng’ ubere ikiyaga akarimbi, ni co cagezwe kizokwamaho, ngo ntikikarēngāne? Mbere nah’ imipfunda yaco yosuriranya, ntiyowutsinda; naho yobomborana, ntiyowurēngāna. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Mbeg’ aho naza, n’iki catumye ntagira uwo ndahasanga, ngahamagara, ntihagire uwitaba? Mbeg’ ukuboko kwanje kwabaye kugufi ngo kunanirwe gucungura? Canke se nta bubasha mfise bgo kurokora? Ereg’ iyo nkankamiye ikiyaga ndagikamya, inzūzi ndazihindura ubugaragwa; amafi yari muri zo aranuka, kukw ata mazi ariho, yatikijwe n’inyota.