Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 5:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 muti Mbega nta n’ukuruha mumutinya? ni k’Uhoraho abajije; muti Nta guhindira agashitsi imbere yiwe, kand’ ari we yashinze umusenyi ng’ ubere ikiyaga akarimbi, ni co cagezwe kizokwamaho, ngo ntikikarēngāne? Mbere nah’ imipfunda yaco yosuriranya, ntiyowutsinda; naho yobomborana, ntiyowurēngāna.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 5:22
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Wayakubitiye ibango ngo yoye kurirēngāna, Kugira ngo ntagaruke, akarengera isi.


Amazi yayashingiye ingabano, Zishika ah’ umuco n’umwiza bigarukira.


Igihe yashingira ikiyaga akarimbi, Kugira ngw amazi ntarenge icagezwe cayo; Igihe yashirah’ amatanguriro y’isi:


Umubiri wanje uhindishwa agashitsi no kugutinya; Kandi ntinya imanza zawe.


Ni mutitondera amajambo yose yo mur’ ibi vyagezwe vyanditswe mur’ iki gitabo, ngo mubishitse; muteko mutinye iri zina ry’icubahiro riteye ubgoba, ni ry’iri: UHORAHO IMANA YANYU;


Akankamira ikiyaga akagikamya, agakamya n’ inzūzi zose; Bashani na Karumeli harahondobereye, n’amashurwe y’i Lebanoni arahondobereye.


Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga? kuko bikubereye; kuko mu banyabgenge bose bo mu mahanga, uko bāgatsindaje kwose nk’abami, ata wuhwanye nawe.


Arikangura, azibiza ingunza, abarira ikiyaga, ati Hora, utekereze. Umuyaga uraca, haba agahwekere rwose.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.


kandi ni we yiyubakira ingoro mw ijuru, agahetera ijuru ryiwe kw isi; ni we ahamagara amazi yo mu kiyaga akayasuka kw isi; Uhoraho ni ryo zina ryiwe.


Uhoraho arahangamye; amahanga ahinze agashitsi! Avyagiye ku Bakerubi; isi iranyiganyiga!


Yegeranya amazi yo mu kiyaga nk’ikirundo, I bgina ahimburira mu bigega.


Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.


Mbeg’ aho naza, n’iki catumye ntagira uwo ndahasanga, ngahamagara, ntihagire uwitaba? Mbeg’ ukuboko kwanje kwabaye kugufi ngo kunanirwe gucungura? Canke se nta bubasha mfise bgo kurokora? Ereg’ iyo nkankamiye ikiyaga ndagikamya, inzūzi ndazihindura ubugaragwa; amafi yari muri zo aranuka, kukw ata mazi ariho, yatikijwe n’inyota.


Ariko ndabereka iyo mukwiye gutinya: mutinye Iyiheza kwica umuntu, ikagira ububasha bgo kumukororera muri Gehinomu. Ni koko, ndababgire, abe ari yo mutinya.


Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangūra, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abahindishwa agashitsi n’ijambo ryiwe: ati Bene wanyu babanka, bakabaca babahoye izina ryanje, bāravuze ng’ Uhoraho n’agaragaze icubahiro ciwe, turābe umunezero wanyu! Ariko bo bazomāramāra.


Imana iravuga, it’ Amazi yo musi y’ijuru n’akoranire hamwe, i musozi na ho ni haboneke: biba kuno.


Ni nde yugarije ikiyaga inzugi, Igihe cafyiruka nk’ikivuye mu nda?


Nah’ amazi yavyo yobomborana, agasuriranya, Nah’ imisozi yotigitishwa no kwitera hejuru kwayo. Sela.


bikaba nk’uk’ umuriro ufata inyabara, kandi nk’uk’ umuriro ubiza amazi: kugira ngw izina ryawe rimenyekane mu bansi bawe, amahanga ahindire agashitsi imbere yawe.


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Nuko rero nzokugira ntyo nyene, ewe Isirayeli; kandi ko nzokugira ntyo, itegure guhwana n’Imana yawe, Isirayeli we.


Nukw aragenda, asanga uwo muvyimba urambaraye mu nzira, na ya ndogoba n’intambge bihagaze i ruhande yawo; arikw iyo ntambge ntiyari yariye uwo muvyimba, canke ngw itabagure iyo ndogoba.


Ni co gituma abantu bayubaha; Nta ho ishira umutima ku muntu n’umwe yīgize umunyabgenge.


Uku ni k’Uhoraho agize, uwatanze izuba ngo ribe umuco w’ umurango, akagera ukwezi n’ inyenyeri ngo vyake mw ijoro, ni we azīkurura ikiyaga ngw imipfunda yaco ibomborane: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe:


Maz’ abo bantu baca batinya Uhoraho bihebuje; bamuha ikimazi, bamusezeranira amasezerano.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ