Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 5:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Yamara no mur’ iyo misi na ho sinzobaherengeteza rwose, ni jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 5:18
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko ndi kumwe nawe, ni jewe Uhoraho mbivuze, kugira ngo ngukize; kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzogubana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Igihugu cose kizoba imisaka; yamara sinzogiherengeteza rwose.


Ni mwūrire ku nzitiro zaho, muhonnye; yamara ntimuherengeteze rwose: mukūreh’ amashami yaho, kukw atar’ ay’ Uhoraho.


Bazorya ivyimburwa vyanyu n’ivyo kurya vyanyu, ivyo abahungu banyu n’abakobga banyu boriye; bazorya imikuku yanyu n’amasho yanyu; bazorya imizabibu yanyu n’imisukoni yanyu; kand’ ibisagara vyanyu vyubakiwe inzitiro, ivyo mwishimira, bazobisanganguza inkota.


Maz’ igihe bazobaza, bati Mbeg’ Uhoraho Imana yacu ivyo vyose yabidukoreye ku ki? nawe ni ho uzobabarira, uti Nk’uko mwataye Imana, mugakorerera imana z’inyamahanga mu gihugu canyu, uko ni ko muzokorerera abanyamahanga mu gihugu kitar’ icanyu.


Maze ndabibabūriye, Pelatiya mwene Benaya aca arahwera. Nanje nca nikubita hasi nubamye, ntera ijwi hejuru, nti Yō! nti Yewe Mwami Uhoraho! nti Mbeg’ ugira uherengeteze rwose amasigarira y’ Abisirayeli?


Yamar’ ijisho ryanje rirabaziguriza sinabahonnya, sinabaherengetereza rwose mu bugaragwa.


Maze bakiriko barabatikiza, nanje nsigaye jenyene, nikubita hasi nubamye, ndaboroga, nti Yō! nti Yewe Mwami Uhoraho! nti Mbeg’ ugira ugeseze amasigarira yose yar’ asigaye ku Bisirayeli, urekuriye uburake bgawe kuri Yerusalemu?


Mbega ntiwamyeho uhereye kera hose, Uhoraho Mana yanje, Uwera wanje? Ntituzopfa. Uhoraho, wabashizeho ng’ ubacishe amateka; Gitandara we, wabashiriyeho guhana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ