16 Umutana wabo ni nk’imva irangaye, bose n’abantu b’abahizi.
Kukw ata kuri kuri mu kanwa kabo; Imbere muri bo n’imanga, Imihogo yabo n’imva zirangaye, Bahemanisha indimi zabo.
Imiheto yabo izokenyagura imisore, kandi ntibazogirira akagongwe inda ikiri mu nda, n’ijisho ryabo ntirizobabarira abana bato.
imyampi yabo irasongoye, n’imiheto yabo yose irabanze; inzāra z’amafarasi yabo zizomera nk’isare, n’amakurudumu y’imikogote yabo azogenda nk’agashururu.
Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Eh’ ubgoko buraje buvuye mu gihugu c’i burārūko; ihanga rikomeye rizovyutswa rive ku mpera y’isi.
Bābiriye imiheto n’amacumu; ni ba ruburakigongwe, nta mbabazi bagira; ijwi ryabo ribomborana nk’ikiyaga, kandi bagendera ku mafarasi; bāzira mu rugamba icarimwe, nk’umuntu umwe, kugira ngo bagutere, ewe mukobga w’i Siyoni.
Imyampi yo mu mutana wiwe ayintobekeranije mu mafyigo.
Imihogo yabo n’imva zirangāye, Bāhendahendanishije indimi zabo; Ubumara bg’inzoka buri mu binyigishi vyabo.