Maze ndavuga, nti Yō! Erega Mwami Uhoraho, ba kamenyi bababgira, ngo nta ho bazobona inkota cank’ inzara, ariko ng’ uzobaha kugirira aha hantu amahoro y’ukuri.
None rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vya ba kamenyi bavuga mw izina ryanje, kandi ntābatumye, yamara bakavuga ngw Inkota n’inzara ntibizoba mur’ iki gihugu: mber’ inkota n’ inzara ni vyo bizorandura abo ba kamenyi.