Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 5:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Bīhakanye Uhoraho, ngo Nta we; kandi ngo Nta vyago bizotuzako, nta n’inkota tuzobona cank’ amapfa;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 5:12
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko bagashinyagurira izo ntumwa z’Imana, bagakēngēra amajambo yayo, bagatwenga abo yavugisha, gushitsa ah’uburake bg’Uhoraho bgabaye ku bantu biwe, butagishobora kugarurwa.


Yibgira mu mutima, ati Nta kizonsegenyesha; Kugeza ibihe vyose sinzokwigera mpīndāna.


Igipfapfa cibgira mu mutima, ngo Nta Mana iriho. Bārononekaye, bākoze ibikorwa vyo kwankwa urunuka, Nta wukora ivyiza.


Sinze mpave mpimba nabi, nkakwihakana, nkavuga nt’ Uhoraho n’iki? Kandi noye kuba mworo, ngahava niba, Ngatukisha izina ry’Imana yanje.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


Ko batārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe, yadukūye mu gihugu ca Egiputa, akaturōngōra mu bugaragwa, no mu gihugu c’ubgeranyange kirimw’ ivyobo, mu gihugu kigadutse c’igitūtu c’urupfu, mu gihugu kidacamw’ abantu, ata muntu n’umwe ahaba?


kandi nzogarukana aha hantu Yekoniya mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, bo n’abānyazwe bose b’i Buyuda bāgiye i Babuloni, ni k’Uhoraho agize, kuko nzovuna ingōgo mwambitswe n’umwami w’i Babuloni.


Maze ndavuga, nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Mbega ko wahenze rwose ubu bgoko n’i Yerusalemu, wavuze ngo Muzoba amahoro: kandi non’ inkota ikaba igeramiye amagara yabo!


Maze Yeremiya ahejeje kubarira abantu bose amajambo yose y’Uhoraho Imana yabo, ayo Uhoraho Imana yabo yamubatumyeko, ni yo ya majambo yose,


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Bāvūye igikomere c’abantu banje imirenzako, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.


Abavuga ngo Ni k’Uhoraho agize, kand’ Uhoraho atābatumye; beretswe ubusa bo n’indagu z’ibinyoma, kandi bizigiza abantu kw ijambo ryabo rizoshika.


Ereg’ umuntu agendana impwemu y’ ikinyoma, akabesha, ati Nkuboneye vino n’ibinyobga; ni we yoba umuvugishwa kur’ ubu bgoko!


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Ntihaze hagire uwumva amajambo y’uyu muvumo, ngo yihende mu mutima wiwe, ati Nzoba amahoro, naho mpfa uko ngenze; ivyo vyoba ar’ ukurandurana ibitotahaye n’ivyumye.


Uwizera Umwana w’Imana ni we afise iyo ntahe muri we; ūtizera Imana aba ayigize umubeshi, kukw atemeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo.


Maze muyishinge ijisho: ni yajana inzira ija i Beti‐shemeshi mu gihugu cayo, izoba ar’ Imana yaduterereye ivyo vyago bikomeye; ariko bitabaye birtyo tuzomenya kw atar’ ukuboko kwayo kwatwishe, bizoba ar’ ivyago vy’ivyaduka vyapfuye kutuzako gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ