Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 5:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ni mwūrire ku nzitiro zaho, muhonnye; yamara ntimuherengeteze rwose: mukūreh’ amashami yaho, kukw atar’ ay’ Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 5:10
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Atsinda ibisagara vy’i Buyuda bizitijwe inzitiro z’amabuye, araruha ashika n’i Yerusalemu.


Nci co catumye abatēza umwami w’Abakaludaya, akicisha imisore yabo inkota, akabatsinda mu rusengero rwabo, ntagirire akagongwe umusore cank’ umwigeme, umutāma cank’ umusāza bukokori; bose akabagabura mu maboko yiwe.


Yamara nari naguteye ur’ umuzabibu w’ubgoko, ur’ urugemwe rutōretse rwose: none se wabaye ute ko wampindukiye igiti c’umuzabibu w’ikijakija w’icaduka?


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


Kuko ndi kumwe nawe, ni jewe Uhoraho mbivuze, kugira ngo ngukize; kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzogubana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


Abakaludaya banda umuriro ingoro y’umwami n’ amazu y’abantu, basangangura n’ inzitiro zikikije i Yerusalemu.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Igihugu cose kizoba imisaka; yamara sinzogiherengeteza rwose.


Ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko ndi kumwe nawe: kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzoguhana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


Kukw inzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda zandyarutse rwose, ni k’Uhoraho agize.


Yamara no mur’ iyo misi na ho sinzobaherengeteza rwose, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni k’Uhoraho abaza; mbeg’ ivyo umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


Ariko nzosiga bake muri bo mbakize inkota n’inzara n’ikīza, kugira ngo baze bāturire ibizira bākoze vyose mu mahanga aho bazoba bāraroye; kandi bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Cank’ ico gihugu ni nagitērēra inkota, nkavuga, nti Wa nkota we, genda unyuragire mu gihugu, kugira ngo nkiranduremw’ abantu n’ibitungano,


Uhoraho aravuga, at’ Izina ryiwe n’umwite Sabantubanje: kuko mutar’ abantu banje, nanje sinzoba Imana yanyu.


Eh’ Umwami Uhoraho atungiriye igitsūre ubgami bukora ivyaha, ati Nzoburandura mw isi; mugabo sinzorandura inzu ya Yakobo rwose, ni k’Uhoraho agize.


Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ