Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ni mwiruke hirya no hino mu nzira z’i Yerusalemu, murondere mwitegereze, mucakare no mu hiyaguye haho, namba mwobona umuntu yoba umugororotsi arondera ivy’ ukuri, nanje nzohaharira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 5:1
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we arishura, ati Nagize ishaka ryinshi ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo; kukw Abisirayeli bavuye mw isezerano ryawe, bagahomvagura ibicaniro vyawe, kandi bicishije inkota abavugishwa nawe; ni jewe jenyene nsigaye, nanje nyene barangenza ngo banyice.


Kand’ inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye. Mu vyo wakoze ivyo, wakoze ivy’ ubupfu; nuk’ uhereye ubu uzohora ubona intambara.


Uhoraho we, tabara: kukw abakwubaha baheze, Abo kwizigirwa bakennye mu bana b’abantu.


Uhoraho acishirīza mu bantu, ari mw ijuru, Kugira ngw arābe ko harimw’ abatāhūra, Barondera Imana.


Barazimiye iyo bava bakagera, bose banduye hamwe, Nta wukora ivyiza, eka nta n’umwe.


Ni nde azokūra hasi ngw antabare kurwanya abanyavyaha? Ni nde azohagarara akantabara ngo turwanye inkozi z’ibibi?


Abantu benshi bakunda kwirata, umuntu wese akirata ukugira neza kwiwe, Non’ umwizigirwa ni nde yomubona?


Gura ukuri, ntugushōre; Bo n’ubgenge n’indero nziza n’ubukerebutsi.


I ruhande y’amarembo, mw ishikiro ry’igisagara, Mu bikingi vy’amarembo, ni ho asemererera cane:


Ndavuga, nti Hinge mvyuke, ngendagende mu gisagara, Mu nzira no mu hiyaguye haho, Ndondere uwo umutima wanje ukunda: Naramurondeye, ndamubura.


Nta witwarira uwundi mu buryo buroranye, nta n’ūbūrana ivy’ ukuri; bizigira ibitagira ikimazi, bakavuga ibinyoma; basama inda z’ ukugira nabi, bakavyara ibigabitanyo.


N’iki kibagombesha kubūrana nanje? Mwese mwarancumuyeko, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Maz’ abagabo bose bāri bazi yukw abagore babo bosereza imibavu izindi mana, bo n’abagore bose bahagararanye aho, ar’ ishengero rinini, ni bo bantu bose bagiye kuba mu gihugu ca Egiputa i Patirosi, bishura Yeremiya,


Narateze ugutwi ndumviriza, ariko nta ho bavuga ukuri: nta muntu yihannye ibibi vyiwe, ngo yibaze, ati Mbeg’ ico nakoze n’igiki? Umuntu wese apfa guhuruduka, akajana inzira yiwe, ameze nk’ifarasi igenda akabushungwe yirukira mu ntambara.


Icompa nkaja mu bugaragwa mu ndāro y’abahita, kugira ngo nte ubgoko bgacu, ndabuvemwo! Kuko bose ar’ abasambanyi, bakaba umuhari w’abagabo baryarukana.


None rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ehe nzobavugutira, mbagerageze; ikindi nogirira wa mukobga ari bo bantu banje n’iki?


Kandi narondeye umuntu muri bo yosana uruzitiro, agahagarara imbere yanje mu kirengero ahagarariye igihugu, ngo noye kugihonnya; ariko nta n’umwe nabonye.


Maz’ arambarira, at’ Ibigabitanyo vy’inzu ya Isirayeli n’iya Yuda birarengeranye rwose, kand’ igihugu cuzuye ibitenga vy’amaraso, n’igisagara cuzuye kugoreka imanza: kuko bavuga, bat’ Uhoraho yāhevye igihugu, bati Kand’ Uhoraho nta co abona.


Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.


Batera igisagara, bakarengera inzitiro z’ amabuye biruka, bakūrira amazu bakayītera imbere, bagaca mu madirisha nk’ibisuma.


Kandi bazonyavuta bakubite ku kiyaga baje ku kindi; bazojarajara bakubite n’i burārūko baje n’i burasirazuba, kugira ngo barondere ijambo ry’Uhoraho, yamara ntibazoribona.


aramubarira, at’ Irukanga, ubgire uwo musore, ut’ I Yerusalemu hazosubira gusagaza abantu nk’ibisagara bitazitiriwe, kukw abantu n’amasho bizohaba ari vyinshi.


Maze wa mushumba agarutse, abgira shebuja uko vyagenze. Nyen’ urugo araraka, abarira umushumba wiwe, ati Genda n’ingoga, uje mu nzira z’ibihamo no mu nzira nto‐nto zo mu gisagara, uzane hano aboro n’ibirema n’impumyi n’abacumbagira.


n’ubugunge bgose bgo kugabitanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivy’ ukuri ngo bakizwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ