Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 49:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Boroga, Heshiboni we, kuko Hayi hanyazwe; murire, mwa bakobga b’i Raba, mukenyere amagunira: mwivugirize amarūru, mwiruke mujarajare hirya no hino mu nzitiro; kuko Malukamu kizojanwa ar’ inyagano, bo n’abaherezi baco n’abaganwa baco.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 49:3
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ umwaka utashe, ku gacikamvura, mu gihe abami bākunda kuja mu ntambara, Dawidi agomora Yowabu n’abantu biwe n’Abisirayeli bose, bageseza Abamoni, baziguza n’i Raba. Ariko Dawidi ubgiwe yisigarira i Yerusalemu.


ngw Abitewe n’uko bāmutaye, bakaja gusenga Ashitoreti imanakazi y’Abasidoni, na Kemoshi imana y’Abanyamowabu, na Milikomu imana y’Abamoni; ntibagendere mu nzira ziwe, ngo bakore ivyo abona ko bibereye, bitondere amabgirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe, nk’uko Dawidi se wa Salomo yagenza.


kuko Salomo yakurikiye Ashitoreti imanakazi y’Abasidoni, na Milikomu, ca kizira c’ubuyobe c’Abamoni.


Kand’ ibitabo vyātabge ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu, ahahera i bumanuko h’umusozi w’ibore, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yatabiye Ashitoreti ca kizira c’ubuyobe c’ Abasidoni, na Kemoshi ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, na Milikomu ca kizira c’ubuyobe c’ Abamoni, umwami arabihumanya.


Abagabo b’i Beteli n’i Hayi n’ amajana abiri na mirongwibiri na batatu.


Ni muboroge, kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.


Wa rembo we, boroga! Nawe gisagara, urire! Bufilisitiya we, iy’ uva ukagera hose, urayaze nk’amavuta, kukw i burārūko havuye umwotsi, kandi nta wusigara yikwega mu ngabo ziwe.


Umukobga w’i Diboni aradūze, aja mu bitabo kuririrayo; Abanyamowabu bariko baraborogera i Nebo n’i Medeba: imitwe yabo yose imowe inkomvorera, bo n’ubganwa bgose.


Ivyo ni vyo bizotuma Abanyamowabu baborogera Mowabu, umuntu wese azoboroga: muzorizwa n’amarobe y’inzabibu y’i Kiri‐hareseti mwihebuye rwose.


Imbūri yo kuri Tiro. Boroga, yemwe māto y’i Tarushishi: kukw i Tiro hageseye, bigatuma ata mazu akiriho, ata n’aho gutaha; izo nkuru bazibgiwe zivuye mu gihugu c’i Kupuro.


Ni mujabuke muje i Tarushishi; muboroge, mwa baba mu kizinga co mu kiyaga.


Kubg’ ivyo mukenyere amagunira, mucure umunihiro, muboroge: kuk’ uburake bganje bg’inkazi, jewe Uhoraho, budasubiye inyuma ngo bubaveko.


Uhoraho Nyen’ ingabo, ni we Mana y’Abisirayeli, aravuga, ati Nzohana Amona ikigirwamana c’ ahitwa No, na Farawo na Egiputa n’imana zaho n’abami baho; mbere Farawo nzomuhanana n’abamwizigira.


Icubahiro c’i Mowabu kiraheze; bahahigiye imihigo bar’ i Heshiboni, bat’ Enda ni muze tuhageseze, ntihabe hakiba ihanga. Nawe Madumeni, uzozibizwa; inkota izogukurikirana.


Mowabu haratēterewe; kuko hasanganguwe; muboroge, murire; muvuge inkuru kuri Arunoni kw i Mowabu hageseye.


Kukw imitwe yabo yose imowe inkomvorera, n’ ubganwa bgose bumowe; ku maboko yose har’ ibikebagure, no mu rukenyerero hose hakenyeye amagunira.


Ko wishimiye ibikorwa vyawe n’ubutunzi bgawe, nawe nyene uzotsindwa: kand’ ikigirwamana Kemoshi kizojanwa ar’ inyagano, bo n’abaherezi baco n’abaganwa baco.


Ku vy’Abamoni. Uku ni k’ Uhoraho agize, ati Mbega Isirayeli nta bahungu afise? Nta samuragwa agira? None n’iki gituma ikigirwamana Malukamu ari co cegukiye Gadi, n’abantu baco baba mu bisagara vyaho?


I Babuloni harakomvomvowe giturumbuka, harageseye: muhaborogere; mwābīre umuti wo kuvūra uburibge bgaho, namba kumbure hokira.


Ewe Yerusalemu, wa mukobga ari bo bantu banje, kenyera amagunira, wikumbagaze mu minyota: vuza induru nk’ūyivugiriza umwana wiwe w’ikinege, uborogane akabonge kenshi; kuk’ umugeseza agira adushikeko giturumbuka.


Umwami wabo azokwambukanwa ar’ inyagano, hamwe n’abaganwa biwe, ni k’Uhoraho agize.


n’abasenga inyenyeri, ari zo ngabo zo kw ijuru, būriye hejuru ku mazu; n’abasenga bandahira jewe Uhoraho bagatako bakarahira na Milikomu;


Enda rero, yemwe batunzi, ni murire muboroge kuko mugira mufutane.


Yosuwa atuma abantu bava i Yeriko ngo baje i Hayi; hari hafi y’i Betaveni, ku ruhande rw’i Beteli rw’i burasirazuba; arababarira, ati Ni mudūge, muje gutata ico gihugu. Nukw abo bantu baradūga, baja gutata Hayi.


Uhoraho abarira Yosuwa, ati Ntutinye, kandi nturanduke umutima; jana ingabo zose, uhaguruke, utere i Hayi: rāba, ngabuye umwami waho mu maboko yawe, bo n’abantu biwe n’igisagara ciwe n’igihugu ciwe.


Uko ni ko Yosuwa yaturiye Hayi, ahahindura ikigūngūzi c’amasakamburira gushitsa ibihe vyose; hasigara ar’ amatongo kugeza na bugingo n’ubu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ