Yeremiya 49:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Boroga, Heshiboni we, kuko Hayi hanyazwe; murire, mwa bakobga b’i Raba, mukenyere amagunira: mwivugirize amarūru, mwiruke mujarajare hirya no hino mu nzitiro; kuko Malukamu kizojanwa ar’ inyagano, bo n’abaherezi baco n’abaganwa baco. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kand’ ibitabo vyātabge ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu, ahahera i bumanuko h’umusozi w’ibore, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yatabiye Ashitoreti ca kizira c’ubuyobe c’ Abasidoni, na Kemoshi ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, na Milikomu ca kizira c’ubuyobe c’ Abamoni, umwami arabihumanya.