Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 48:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kand’ umunyazi azoshika ku gisagara cose, nta gisagara na kimwe kizomukira: ababa mu mwonga bazohona, n’ababa mu kiyaya bazogesezwa, nk’uk’ Uhoraho yabivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 48:8
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abapfakazi babo baragwiriye kurusha umusenyi wo ku kiyaga imbere yanje: nabagomoreye abanyazi ku murango w’amashōka, ngomoreye nyina w’abahungu; namusutseko giturumbuka umubabaro n’ ibiteye ubgoba.


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


Yewe wa mukobga uba i Diboni, manuka uve mu cubahiro cawe, wicare ahagadutse; kuk’ umunyazi w’i Mowabu adūze kukurwanya, yasanganguye ibihome vyawe bikomeye.


mber’ abanyazi barahashitse, bashitse i Babuloni nyene, abahizi baho barafashwe, imiheto yabo iravunaguritse. Kuk’ Uhoraho ar’ Imana yīhōra, ntazobura kwīhōra.


Ewe Yerusalemu, wa mukobga ari bo bantu banje, kenyera amagunira, wikumbagaze mu minyota: vuza induru nk’ūyivugiriza umwana wiwe w’ikinege, uborogane akabonge kenshi; kuk’ umugeseza agira adushikeko giturumbuka.


nuko rero, mu gihugu c’i Mowabu, aharābana n’ibisagara vyaho, uhereye ku bisagara biri ku mbibe zaho, ari vyo biteye igihugu icubahiro, ni vyo Beti‐Yeshimoti n’i Bayali‐Meyoni n’i Kiriyatayimu, ngira mpace ikirengero,


n’i Heshiboni n’ibisagara vyose vyo mu kiyaya bihakūkira, n’i Diboni n’i Bamoti‐bayali, n’i Beti‐bayali‐meyoni,


n’ibisagara vyose vyo mu kiyaya, n’igihugu cose car’ ica Sihoni umwami w’Abamori yaganziriza i Heshiboni, uwo Mose yanesheje hamwe n’abaganwa b’i Midiyani, ni bo aba: Ewi na Rekemu na Tsuri na Huri na Reba, ni bo baganwa bākūkira Sihoni bāba mur’ ico gihugu.


uhereye kuri Aroweri ho ku mucāmo hejuru y’umwonga wo kuri Arunoni, no ku gisagara kiri hagati mur’ uwo mwonga nyene, n’ikiyaya cose c’i Medeba, ugashitsa i Diboni;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ