Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 48:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ko wishimiye ibikorwa vyawe n’ubutunzi bgawe, nawe nyene uzotsindwa: kand’ ikigirwamana Kemoshi kizojanwa ar’ inyagano, bo n’abaherezi baco n’abaganwa baco.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 48:7
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abafilisitiya batayo ibigirwamana vyabo; Dawidi n’ ingabo ziwe barabijana.


ngw Abitewe n’uko bāmutaye, bakaja gusenga Ashitoreti imanakazi y’Abasidoni, na Kemoshi imana y’Abanyamowabu, na Milikomu imana y’Abamoni; ntibagendere mu nzira ziwe, ngo bakore ivyo abona ko bibereye, bitondere amabgirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe, nk’uko Dawidi se wa Salomo yagenza.


Bukeye Salomo ataba ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu igitabo ca Kemoshi, ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, bo n’ica Moleki, ca kizira c’ubuyobe c’Abamoni.


Hahirwa umuntu ashira ivyizigiro vyiwe k’Uhoraho, Kandi ntahindukirire abībone, cank’ abizimagiriza mu binyoma.


Bati Rāba, uyu ni we atāhinduye Imana igihome kimukīngira, Ariko yizigira ibihinda vy’ ivyo atunze, Akiha inkomezi mu bubi bgiwe.


Ivyo ni vyo bizokubako, ni wo mugabane nkugereye, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko wanyibagiye ukizigira ibinyoma.


Kand’ azokwanda umuriro amazu y’ibigirwamana vy’Abanyegiputa; azoyaturira, abijane kw inyagano: kand’ azokwirenza igihugu ca Egiputa nk’uk’ umwungere yirenza umutamana wiwe; kand’ azovayo ar’ amahoro.


Abanyamowabu bazomāramāzwa na Kemoshi, nk’ ukw ab’ inzu ya Isirayeli bāmāramājwe n’ivy’ i Beteli bāri bishimiye.


Ubonye ibara, Mowabu! Abantu ba Kemoshi baragowe! Kukw abahungu bawe bajanywe ar’ inyagano, n’abakobga bawe mu ngoyi.


Boroga, Heshiboni we, kuko Hayi hanyazwe; murire, mwa bakobga b’i Raba, mukenyere amagunira: mwivugirize amarūru, mwiruke mujarajare hirya no hino mu nzitiro; kuko Malukamu kizojanwa ar’ inyagano, bo n’abaherezi baco n’abaganwa baco.


N’iki gitumye wirata imyonga? Umwonga wawe uratwarwa, ewe mukobga usubiye inyuma, wishimiye ubutunzi bgawe, uti Ni nde azonshikīra?


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umunyabgenge yoye kwirata ubgenge bgiwe, cank’ umunyenkomezi ngo yirate inkomezi ziwe, cank’ umutunzi ngo yirate ubutunzi bgiwe;


Mwarimye ivyaha, mwimbura ibigabitanyo; mwariye ivyamye ku binyoma: kuko mwishimiye imigabo yanyu, n’isinzi ry’abahizi banyu.


Ewe Mowabu, ubonye ibara! Murageseye, mwa bantu ba Kemoshi! Yagabuye abahungu biwe baba impunzi, N’abakobga biwe baba inyagano Ya Sihoni umwami w’Abamori.


Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


Nk’uko yihimbaza, akīgirira ibihinda, abe ari ko mumuha kubabazwa agashinyaguro no kuboroga. Kuko yibgira mu mutima, ngo Mvyagiye nd’umwamikazi, sind’ umupfakazi, sinzobona amaborogo n’akazirukanyo:


Uti Non’ igihugu imana yawe Kemoshi yoguha, ntiwocegukira? Uti Na bo n’uko, igihugu Uhoraho Imana yabo yasohoyemwo bene co bose ngo bababise, bāracegukiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ