6 Muhunge, mwunzūre amagara, mube nk’agasaka k’inkōkōre mu bugaragwa.
Bamaze kubakūrayo, umwe muri bo aravuga, ati Hunga ntupfe! Ntukebēre inyuma, kandi nturuhe uhagarara utararangiza iki kiyaya cose; hungira kur’ iriya misozi, woye kuranduka.
Uhoraho ni we mpungirako. Mubaririra iki umutima wanje, Muti Hungira ku musozi wanyu nk’inyoni?
Azoba nk’agasaka k’inkōkōre mu bugaragwa, kandi ntazobona ivyiza bimujeko; arikw azoba ahagadutse ahantu h’ ubgeranyange, igihugu c’umunyu kitabamw’ abantu.
Ni muhunge muve hagati muri Babuloni, umuntu wese yunzūre amagara yiwe; ntimuranduranwe na ho, muzira ibigabitanyo vyaho, kukw ar’ igihe c’uguhōra kw’Uhoraho, agira ahasubirize mu nkōko.
Nukw abgira ishengero ryari rivuye i wabo rije kubatizwa na we, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza?
kugira ngo bibiri bidahinduka, ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebge abashitse mu buhungiro, ni bgo kubangiriza ivyizigiro vyashizwe imbere yacu.