5 Kuko bazodūga ku kadūgo k’i Luhiti barira ingenda badahengeshanya; ku kamanuko k’i Horonayimu bumvise umunihiro w’umuborogo w’ abagesezwa.
Umutima wanje uririra Mowabu; impunzi zaho zahungiye i Sowari n’i Egilati‐shelishiya; ahadūga haja i Luhiti ni ho badūga barira ingenda; no mu nzira ija i Horonayimu ni ho batakira ugutaka kw’ubgihebe.
Ijwi ry’amaborogo rituruka i Horonayimu: har’ ukunyaga n’ ugutikiza gukomeye.
I Mowabu haratikiye; abana baho bumvikanisha urwānāga.