Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 48:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 I Keriyoti haratsinzwe, ibihome bineshejwe giturumbuka; kur’ uwo musi imitima y’abahizi b’i Mowabu izomera nk’umutima w’ umugore ari mu bise.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 48:41
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bazokwiheba; umubabaro n’uburibge bibafate; bazobabara nk’umugore ari ku nda; bazorābana bumirwe; kandi mu maso habo hazohindurira nk’umuriro.


Ni co gitumye ikiyunguyungu canje cuzuye uburibge, ngafatwa n’ibise nk’ibise vy’umugore ari ku nda; ndaribga bituma ntashobora kwumva, ubgihebe bg’ubgoba butumye ntashobora kubona.


Banza mubaze, murābe ko hogira umugabo aja ku nda ngw avyare: none n’iki gitumye mbona umugabo wese yifashe ku mafyinga nk’umugore aramutswe, mu maso ha bose hagahindurira?


Kuko numvise ijwi nk’iry’ umugore aramutswe, ubusinzikare bg’ūrikw aravyara umwana w’uburiza, ijwi ry’umukobga w’i Siyoni ahuzagizwa, ata amaboko, at’ Ewe jewe ndagowe! Umutima wanje ugwiriye igihumura imbere y’abicanyi.


Maze kur’ uwo musi, umutima w’umwami uzoranduka, n’imitima y’abaganwa, ni jewe Uhoraho mbivuze; kand’ abaherezi bazokwumirwa, ba kamenyi batangare.


no kuri Keriyoti, no kuri Bosira, no ku bisagara vyose vyo mu gihugu c’i Mowabu, ibiri kure n’ibiri hafi.


Eh’ azodūga aguruke nk’inkukuma, asānze amababa i Bosira: kand’ umutima w’abahizi b’i Edomu kur’ uwo musi uzohinduka nk’umutima w’ umugore ari ku bise.


I Damasiko haradendebukiwe, harakimiranye ngo hiruke, hafashwe n’agatengo: uburibge n’ umubabaro vyahafashe nk’umugore aramutswe.


Inkota iri ku mafarasi yabo, no ku mikogote yabo, no ku b’ikivange c’amoko bari hagati muri ho, kandi bazohinduka nk’ abagore; inkota iri ku butunzi bgaho, kandi bazobunyagwa.


Umwami w’i Babuloni yumvise inkuru zavyo, amaboko yiwe arareganuka: uburibge buramufashe, nk’ibise vy’umugore aramutswe.


Abahizi b’i Babuloni bahevye kurwana, bigungiye mu bihome vyabo, ubutōre bgabo buraheze, bacitse bga bagore: amazu yaho yanzwe umuriro; ibihindizo vyaho biravunaguritse.


Twumvise inkuru zavyo, amaboko yacu arareganuka: uburibge buradufashe, nk’ibise vy’umugore aramutswe.


Nuko nzokwanda umuriro i Mowabu, utongore ingoro z’i Keriyoti; kandi Mowabu hazopfa har’ amaruru n’urwamo n’inzamba zivuga.


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ