Banza mubaze, murābe ko hogira umugabo aja ku nda ngw avyare: none n’iki gitumye mbona umugabo wese yifashe ku mafyinga nk’umugore aramutswe, mu maso ha bose hagahindurira?
Inkota iri ku mafarasi yabo, no ku mikogote yabo, no ku b’ikivange c’amoko bari hagati muri ho, kandi bazohinduka nk’ abagore; inkota iri ku butunzi bgaho, kandi bazobunyagwa.
Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.