Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 48:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ijwi ry’amaborogo rituruka i Horonayimu: har’ ukunyaga n’ ugutikiza gukomeye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 48:3
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umukobga w’i Diboni aradūze, aja mu bitabo kuririrayo; Abanyamowabu bariko baraborogera i Nebo n’i Medeba: imitwe yabo yose imowe inkomvorera, bo n’ubganwa bgose.


Umutima wanje uririra Mowabu; impunzi zaho zahungiye i Sowari n’i Egilati‐shelishiya; ahadūga haja i Luhiti ni ho badūga barira ingenda; no mu nzira ija i Horonayimu ni ho batakira ugutaka kw’ubgihebe.


Kuk’ ugutaka gukikije ku mbibe z’i Mowabu, amaborogo yaho agashika muri Egulayimu, mber’ ayo maborogo agashika n’i Beri‐elimu.


Kubg’ ivyo ndavuga, nti Ni murābe irya, munkūrekw amaso, mureke ndire nitunturire; ntimwigore ngo muranyirura umubabaro mfitiye ukunyagwa kw’i Yerusalemu umukobga w’ubgoko bgacu;


Uwo muntu n’abe nka vya bisagara Uhoraho yasanganguye, ata kagongwe: ni yumve amaborogo mu gatondotondo, n’ akarūru ku murango;


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Eh’ amazi azodudubiza avuye i burārūko ahinduke uruzi rudengereye, ruzodengera rurenge ku gihugu no ku birimwo vyose, rurenge ku gisagara no ku bakibamwo bose: abantu bazotaka, n’ ababa mu gihugu bose bazoboroga.


Gutaka kw’i Heshiboni kwumvikana gushitsa n’i Eleyale; mber’ amajwi yabo ashika n’i Yahazi, kand’ ahēra i Sowari agashitsa n’i Horonayimu bo n’i Egilati‐shelishiya: kuko n’amazi y’i Nimurimu azocika iyondoyondo.


I Mowabu haratikiye; abana baho bumvikanisha urwānāga.


Kuko bazodūga ku kadūgo k’i Luhiti barira ingenda badahengeshanya; ku kamanuko k’i Horonayimu bumvise umunihiro w’umuborogo w’ abagesezwa.


Ijwi ry’amarūru riturutse i Babuloni, n’iry’ ukugesera gukomeye riturutse mu gihugu c’Abakaludaya!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ