Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 48:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Icubahiro c’i Mowabu kiraheze; bahahigiye imihigo bar’ i Heshiboni, bat’ Enda ni muze tuhageseze, ntihabe hakiba ihanga. Nawe Madumeni, uzozibizwa; inkota izogukurikirana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 48:2
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imbūri yo kuri Mowabu: kuko mw ijoro rimwe ahitwa Ari‐Mowabu hageseye, hakomvomvowe; kuko mw ijoro rimwe ahitwa Kiri‐Mowabu hageseye, hakomvomvowe!


Umutima wanje uririra Mowabu; impunzi zaho zahungiye i Sowari n’i Egilati‐shelishiya; ahadūga haja i Luhiti ni ho badūga barira ingenda; no mu nzira ija i Horonayimu ni ho batakira ugutaka kw’ubgihebe.


Ariko noneho, Uhoraho avuze, ngw Imyaka itatu itarashira, urīmbūye imyaka nk’iy’ umucangero, icubahiro c’i Mowabu kizokēngērwa bo n’ishengero ryaho ryose rikomeye, kand’ amasigarira azoba ar’ inkehwa rwose, ata co bamaze.


Kuk’ ukuboko kw’Uhoraho kuri kur’ uyu musozi, ariko Mowabu hazohonyangirwa ahantu haho, nk’ukw ivyatsi bihonyangirwa mu kiziba c’amaganga.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho ambariye, ari we Mana y’Abisirayeli, at’ Enda abīra mu kuboko kwanje iki gikombe ca vino y’uburake bganje, ukiramize amahanga yose ngutumyeko, bakinywe.


Nuko nābīra igikombe mu kuboko kw’ Uhoraho, ndakiramiza amahanga yose Uhoraho yantumyeko;


at’ Ivyo nageze ivyo ni vyava mu nyonga zanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, ni ho uruvyaro rwa Isirayeli na rwo ruzoreka kuba ihanga mu nyonga zanje ibihe bidashira.


riti Mbega ntiwiyumviriye ivyo aba bantu bavuga, ngw Imiryango yompi Uhoraho yatoranije yayicīye? Uko ni ko bakēngēra abantu banje, kuko bagira ngo ntibakir’ ihanga.


Ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko ndi kumwe nawe: kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzoguhana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


Mwebge abahakikije mwese muharirire, namwe mwese abazi izina ryaho, muvuge, mut’ Es’ ukuntu ubuhiri bukomeye buvunitse, ya nkoni ishajije!


Kandi Mowabu hazogesezwa ngo ntihabe hakiba ihanga, kuko hinantaje k’Uhoraho.


Abāhunze basigaye ata nkomezi mu gitūtu c’i Heshiboni: arik’ umuriro uturutse i Heshiboni, urubeya ruturutse hagati y’i Sihoni, rutongoye impande z’i Mowabu, n’igitwariro c’abanyamuvurungano.


Boroga, Heshiboni we, kuko Hayi hanyazwe; murire, mwa bakobga b’i Raba, mukenyere amagunira: mwivugirize amarūru, mwiruke mujarajare hirya no hino mu nzitiro; kuko Malukamu kizojanwa ar’ inyagano, bo n’abaherezi baco n’abaganwa baco.


Nzotera Abelamu agatengo imbere y’abansi babo, n’imbere y’abarondera kubica: kandi nzobazanakw ivyago, ni vyo burake bganje bg’inkazi, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzorungika inkota ibakurikirane, gushitsa mbamaze.


Abareyubeni bubaka i Heshiboni, n’i Eleyale, n’i Kiriyatayimu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ