Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 48:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ku vya Mowabu. Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli: at’ I Nebo habonye ibara! Kuko hakomvomvowe: i Kiriyatayimu haratēterewe, haratsinzwe: i Misigabu haratēterewe, harasanganguwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 48:1
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko mu mwaka ugira icumi na kane Kedolawoma n’abami bīfatanije na we ni kwo kuza, bazingazingira Abarefa muri Ashiteroti‐karunayimu, n’Abasuzi i Hamu, n’Abemi i Shave‐kiriyatayimu,


Umukuru avyara umuhungu, amwita Mowabu: uwo ni we yandurutsweko n’Abanyamowabu na bugingo n’ubu.


Nuko none, ehe rāba Abamoni n’Abanyamowabu n’abo ku musozi Seyiri, abo wari warabujije Abisirayeli ngo ntibabatere, hamwe bāva mu gihugu ca Egiputa, bagaca hirya ntibabarandure,


Kuk’ ukuboko kw’Uhoraho kuri kur’ uyu musozi, ariko Mowabu hazohonyangirwa ahantu haho, nk’ukw ivyatsi bihonyangirwa mu kiziba c’amaganga.


Kand’ igihome kirekire kigukīngīra c’inzitiro zawe z’amabuye azogisangangura, agitsinde hasi, agishitse mw ivu, mbere no mu mukungugu.


Jewe Uhoraho, ni jewe ndaruzigama; nzohora ndaruvomera akanya kose: nzoruzigama ku murango no mw ijoro, kugira ngo ntihagire ikirwona.


n’i Edomu n’i Mowabu n’ab’ umuryango wa Amoni,


ibindi ubirungikire umwami w’i Edomu, n’umwami w’i Mowabu, n’ umwami w’Abamoni, n’umwami w’i Tiro, n’umwami w’i Sidoni, ubirungikane intumwa zaje i Yerusalemu zitumwe kuri Zedekiya, umwami w’i Buyuda;


ni bo Banyegiputa n’Abayuda n’Abanyedomu n’umuryango w’Abamoni n’Abanyamowabu, bose abica amasoso, n’ababa mu bugaragwa; kukw amahanga yose ar’ intakebga, kand’ umuryango wose w’Abisirayeli n’intakebga mu mitima.


Ati Ndamubona, ariko s’ubu nyene; Ndamwitegereza, ariko ntari hafi. Inyenyeri izokomōka muri Yakobo, Icumu ry’ubugabe rizosokoroka muri Isirayeli, Ritobekeranye aba Mowabu mu mvuridahita, Rimene umutwe aba Sheti bose.


bati Ataroti n’i Diboni n’i Yazeri n’i Nimura n’i Heshiboni n’i Eleyale n’i Sebamu n’i Nebo n’i Beyoni,


Bavudukayo, basagaza mu misozi yo muri Abarimu, aharābana n’i Nebo.


n’i Kiriyatayimu n’i Sibuma, n’i Sereti-shahari hubatswe ku musozi wo mu kiyaya,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ