Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 47:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 kuk’ umusi ugira uze wo kuzonyagwako kw’Abafilisitiya bose, wo kuzorandura umutabazi wese azoba agisigaye muri Tiro n’i Sidoni: kuk’ Uhoraho azonyaga Abafilisitiya, n’amasigarira yo ku kizinga co mu kiyaga citwa Kafutori.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 47:4
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kanani yavyaye imfura yiwe Sidoni, akurikizako Heti:


n’Abapatirusi n’Abakasiluhi (ni bo bākomōtsweko n’Abafilisitiya), kandi yakomōtsweko n’ Abakafutori.


Imana ntizokūrah’ uburake bgayo: Ingabo za Bgibone zubama musi yayo.


Umwami Imana azomutwenga, Kukw abona yuk’ umusi wiwe urik’ urashika.


None muzogira mute umusi muzoshikīrwa, no mw irandura rivudutse kure? Muzohungira kuri nde ngw abatabare? Kandi muzobītsa hehe ubutunzi bganyu?


Wa rembo we, boroga! Nawe gisagara, urire! Bufilisitiya we, iy’ uva ukagera hose, urayaze nk’amavuta, kukw i burārūko havuye umwotsi, kandi nta wusigara yikwega mu ngabo ziwe.


Kur’ uwo musi ababa mur’ iki kiyaya c’ikiyaga bazovuga, bat’ Eh’ ivyo twizigira ingene bibaye, tukahaziga ko twohahungiye, bikadutabara ngo dukire umwami w’i Ashuri! None twebge tweho tuzokwikiza dute?


Ni ho Abashuri bazokwicwa n’inkota itar’ iy’ abantu, kand’ inkota itar’ iy’ abantu izobarya: bazohunga iyo nkota, kand’ imisore yabo izohinduka abagurano.


Kuk’ uwo musi ar’ uw’ Umwami, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo, ar’ umusi wo kwīhōrako, kugira ngo yīhōre abarwanizi biwe: inkota izorya ihāge, izonywa amaraso yabo ihīmbe: kuk’ Umwami, ari we Uhoraho Nyen’ ingabo, acumitira ibimazi mu gihugu c’i burārūko ku nkengera y’uruzi Efurate.


Nawe, wa munyakibi wakomerekejwe akagīrīre, wa mwami w’Abisirayeli, washitsweko n’umusi wawe, igihe giherahereza ibigabitanyo vyawe;


bākuroteye inzozi z’ubusa, n’indagu z’ibinyoma, ngo ni wewe uzoyibangurira ku mazosi y’abanyakibi bākomerekejwe akagīrīre, abo umusi wabo washitseko, mu gihe giherahereza ibigabitanyo vyabo.


nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Bafilisitiya, ndandure n’Abakereti, ngeseze n’amasigarira yo mu kiyaya c’ikiyaga.


Maze bazomenya yuko nd’Uhoraho, igihe nzoba mmaze kwanda umuriro Egiputa, abatabazi babo bahonnye.


Igihe kirashitse, umusi uri hafi: umuguzi areke kunezerwa, n’ūguzweko areke kuganya; kuk’ uburake bushitse ku masinzi yabo yose.


Imisi yo kuzirwa kwabo irashitse, imisi yo gusubirizwa mu nkōko irashitse; Abisirayeli bazobimenya; ūvugishwa n’Imana yabaye igipfu, ūvugishwa na Mpwemu yāsaze, basarishijwe n’isinzi ry’ibigabitanyo vyawe, n’uk’ ubgansi ari bginshi.


Mbega ntimumbereye nk’Abanyetiyopiya, ga mwa Bisirayeli mwe? ni k’Uhoraho abaza. Mbega si jewe nadūganye Abisirayeli mbakūye mu gihugu ca Egiputa, n’Abafilisitiya nkabakūra i Kafutori, n’Abasiriya nkabakūra i Kiri?


Kukw iyo misi izoba iyo guhōra, kugira ngw ivyanditswe vyose bishike.


N’Abawi, imihana yabo yasagaza ikarinda ishika i Gaza, na bo nyene Abakafutori bavuye i Kafutori, bārabatikije, begukira ahantu habo.)


Maze Finehasi umuherezi, bo n’abakuru b’ikoraniro, ari bo bakuru bo mu mazu y’Abisirayeli bari kumwe na we, bumvise ukw Abareyubeni n’Abagadi n’Abamanase babishuye, barashirwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ