Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 47:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Bumvise kudida imigere kw’amafarasi yiwe ahambaye, n’ukugenda akabushungwe kw’ imikogote yiwe, n’uguhinda kw’ amakurudumu, bituma abavyeyi batanakebuka ngo barābe abana babo kubgo gucika inkokora;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 47:3
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

imyampi yabo irasongoye, n’imiheto yabo yose irabanze; inzāra z’amafarasi yabo zizomera nk’isare, n’amakurudumu y’imikogote yabo azogenda nk’agashururu.


Mudūge, mwa mafarasi, mugende akabushungwe, mwa mikogote! Abahizi ni barumikeko, ni bo Banyetiyopiya n’ Abaputi batwara inkinzo, n’Abaludimu batwara imiheto bazi kuyifora.


Bābiriye imiheto n’amacumu; ni ba ruburakigongwe, nta mbabazi bagira; ijwi ryabo ribomborana nk’ikiyaga, kandi bagendera ku mafarasi; bāzira mu rugamba icarimwe, nk’ umuntu umwe, kugira ngo bagutere, ewe mukobga Babuloni.


Gufuhagira kw’amafarasi yiwe kwumvikana i Dani; igihugu cose gihindishwa agashitsi no kwumva kuroherana kw’amafarasi yiwe y’intambara; kuko baje, kandi bākegese igihugu n’ibiri muri co vyose, bo n’igisagara n’ababa muri co bose.


Nuko bazogutera bafise ibirwanishwa, n’imikogote y’intambara n’iyitwara ibintu, n’isinzi ry’amahanga; bazotonda urugamba bakurwanye, bagutangatanze impande zose, bafise inkinzo nto‐nto na nini‐nini n’inkofero z’ivyuma: kandi nzoshira imanza mu maboko yabo, bagucire urubanza, nk’ukw imanza zabo ziri.


Imikogote y’intambara igenda akābushūngwe mu mayira, igenda iranyuranwa mu nzira z’ibihamo; uyibonye wogira ngo n’imuri, yidunya nk’umuravyo.


Ninewe hameze nk’ikidengeri c’amazi gisenzwe: barasemerera, bati Hagarara, hagarara! ariko ntihagira ūhindukira.


Kandi zari zifise ibikīngira ibikiriza, bimeze nk’ivyuma, guhinda kw’amababa yazo kwari kumeze nk’uguhinda kw’imikogote ikwegwa n’amafarasi menshi yiruka ija mu ntambara.


Amafarasi avuza imirindi Agendeshwa akābushūngwe n’ abahizi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ