Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 47:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Eh’ amazi azodudubiza avuye i burārūko ahinduke uruzi rudengereye, ruzodengera rurenge ku gihugu no ku birimwo vyose, rurenge ku gisagara no ku bakibamwo bose: abantu bazotaka, n’ ababa mu gihugu bose bazoboroga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 47:2
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Isi n’iy’ Uhoraho, n’ibiyuzuye, Isi n’abayibamwo.


Nogize inzara sinorinze kukubgira, Kukw isi ar’iyanje n’ibiyuzuye.


Ijuru ni rinezerwe, isi n’ihimbarwe, Ikiyaga ni kibomborane bo n’ibicuzuye.


Ikiyaga ni kibomborane bo n’ibicuzuye, N’isi n’abayibamwo bose,


Wa rembo we, boroga! Nawe gisagara, urire! Bufilisitiya we, iy’ uva ukagera hose, urayaze nk’amavuta, kukw i burārūko havuye umwotsi, kandi nta wusigara yikwega mu ngabo ziwe.


Kuk’ ugutaka gukikije ku mbibe z’i Mowabu, amaborogo yaho agashika muri Egulayimu, mber’ ayo maborogo agashika n’i Beri‐elimu.


Imbūri yo ku kiyaya c’ ukwerekwa. Noneh’ ubaye ute, abantu bawe bose ko būriye ku mazu hejuru?


Kand’ imanza ziroranye ni zo nzogira umugozi ugera, n’ubugororotsi nzobugira karisho: urubura ruzovumbura ubgo buhungiro bg’ibinyoma, kand’ amazi azosendanisha aho hantu ho kwinyegeza.


Ni ho bazokwubaha izina ry’Uhoraho, uhereye i burengerazuba, n’icubahiro ciwe uhereye iyo rirasira: kukw azoza nk’uruzi rusēnyerana, rukubebga n’impwemu z’Uhoraho.


Nuk’ Uhoraho arambarira, at’ I burārūko hazoturuka ivyago bizoza biziye ababa mu gihugu bose.


Amahanga yumvise ibitētērwa vyawe, isi yuzuye amaborogo yawe: kuk’ umuhizi atsitaye ku wundi, bompi bagatemba hamwe.


Ijambo Uhoraho yabariye Yeremiya ūvugishwa na we, ry’ ingene Nebukadineza umwami w’i Babuloni azoza gutera igihugu ca Egiputa.


Egiputa n’inka y’iriza iteye igomwe rwose; ariko haje ikibugu kivuye i burārūko, kirashitse.


Umukobga, ni we Egiputa, azokorwa n’isoni; azotangwa mu maboko y’abantu b’i burārūko.


Ewe kuntu hasābijwe! Ewe kuntu baboroga! Ewe kuntu ab’ i Mowabu baroye irya bomotse batēterewe! Uko ni ko Mowabu hazohinduka agatwengo n’akumiza ku bahakikije bose.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Eh’ ubgoko buraje buvuye mu gihugu c’i burārūko; ihanga rikomeye rizovyutswa rive ku mpera y’isi.


Gufuhagira kw’amafarasi yiwe kwumvikana i Dani; igihugu cose gihindishwa agashitsi no kwumva kuroherana kw’amafarasi yiwe y’intambara; kuko baje, kandi bākegese igihugu n’ibiri muri co vyose, bo n’igisagara n’ababa muri co bose.


Maz’ ingabo zizoba zisebereye nk’uruzi zizotembanwa n’umuvo imbere yiwe, zihomvagurike; mbere n’ umukuru w’isezerano na we n’ uko.


Arikw abarwanizi biwe azotuma batwarwa n’uruzi rusendanisha, kand’ abansi biwe azobakinagiza abashitse mu mwiza.


Ariko ni hagira umuntu ababgira, at’ Ico n’icāterekerejwe: ntimukakirye, kubg’ uyo abiseruye, no kubg’ ijwi ryo mu mutima.


Enda rero, yemwe batunzi, ni murire muboroge kuko mugira mufutane.


Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi bari bafise za nzavya ndwi, avugana nanje, arambgira, ati Ngwino nkwereke iteka rizocirwa maraya w’agahebuza, yicaye kw iteraniro ry’amazi menshi.


Arambgira, ati Ya mazi wabonye, maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ