Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 45:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 ati Wavuze, uti Mbonye ibara, kuk’ Uhoraho yongereje intuntu ku mubabaro wanje! Kuniha kurandambiye, simbona akaruhuko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 45:3
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ati No gushitsa uyu musi amajojwa yanje aharūrwa nk’umugararizo: Uko nkubitwa kuruta uko nniha.


Ewe jewe ndagowe, kuko mba i Mesheki nd’ inyambukīra, Nkaba mu mahema y’i Kedari!


Mba narihebūye iyo ntizera ko nzobonera ukugira neza kw’Uhoraho Mw isi y’abakiriho.


Idamba rihamagara irindi damba, kubgo kubomborana kw’amasūmo yawe: Imipfunda yawe yose n’imikuba yawe yose birandengeye.


Kuniha kurandambiye; Ukw ijoro ryije ntotesha uburiri bganje amosozi, Uburiri bganje ndayabucuncuburirako.


Nahwereye mu kajisho kubg’ intuntu, Ryakabiranijwe n’abarwanizi banje bose.


Kurira kwanje kuranduhije; umuhogo urūmye: Amaso yanje yākobotse nkirorereye Imana yanje.


Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago Inkomezi zawe zizoba zari nke.


at’ Uku ni k’Uhoraho akubariye, ni we Mana y’Abisirayeli, wewe Baruki:


Icompa nkabona uko nomarwa umubabaro! Umutima wanje undendebukiyemwo.


Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!


Yarungitse umuriro mu magufa yanje uvuye iyo hejuru, urayayigiza: Yateze ibirenge vyanje umutego, ansubiza inyuma; Yangize inkōkōre, anca intege umusi urīra.


Ububi bgabo bgose ni bushike imbere yawe; Ubagirire nk’uko wangiriye umpōra ibicumuro vyanje vyose: Kuko kuniha kwanje ari kwinshi, kand’ umutima wanje ukaba udendebutse.


Naho yomubabaza, arikw azomugirira ikigongwe, nk’ ukw isinzi ry’imbabazi ziwe riri.


Ni co gituma tutihebura, kuko dufise ubgo busuku, nk’uko twagiriwe ikigongwe.


Ni co gituma tutihebura; ariko, nah’ umuntu wacu wo ku rukoba arikw arabora, umuntu wacu w’imbere yama ahinduka musha uko bukeye.


Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.


Ariko mweho bene Data, ntimurambirwe no gukora iciza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ