3 ariko Baruki mwene Neriya ni we akuduteranijeko, kugira ngo dutangwe mu maboko y’Abakaludaya, ngo batwice, canke batujane i Babuloni tur’ inyagano.
Urukundo rwanje barwishuye kuba abarwanizi banje, Ariko jeho nitwariritse gusenga.
maz’ ico cete c’uko tuguze ngihēra Baruki mwene Neriya wa Mahaseya imbere ya Hanameli mwene wacu, n’imbere y’ivyabona vyari vyanditse amazina yabo kur’ ico cete c’uko tuguze, n’imbere y’Abayuda bose bari bicaye mu rugo rw’ibohero.
Nuko Baruki asoma muri ca gitabo amajambo ya Yeremiya ahagaze mu ngoro y’Uhoraho, mu cumba ca Gemariya mwene Shafani umukarani, cari mu kigo ahahera haruguru, mw ishikiro ry’ikirimba gisha kija ku ngoro y’Uhoraho, ayasomera abantu bose.
Maz’ umwami abarira Yerameyeli umwana w’umwami na Seraya mwene Aziriyeli, na Shelemiya mwene Abudeli ngo bafate Baruki umukarani n’uwavugishwa n’Imana Yeremiya: arik’ Uhoraho arabahisha.
Nuko Yeremiya ahamagara Baruki mwene Neriya; maze Baruki yandika amajambo yose y’ Uhoraho mu muzingo w’igitabo, ayakūye mu kanwa ka Yeremiya, ukw ayamubgiye.
Maz’ abaganwa babgira umwami, bat’ Uyu muntu akwiye gupfa: kukw adendebura amaboko y’abahizi bagisigaye mur’ iki gisagara n’ay’ abantu bose, ababarira amajambo asa artyo: kuk’ uyu mugabo atifuriza amahoro ubu bgoko, atar’ ivyago.
kubg’ Abakaludaya: kuko bābatinya, kuko Ishimayeli mwene Netaniya yari yishe Gedaliya mwene Ahikamu, uwo umwami w’i Babuloni yari yarashizeho kuganza igihugu.
abagabo n’abagore n’abana, n’abakobga b’ umwami, n’umuntu wese Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi yari yararagije Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, bo n’ūvugishwa n’Imana Yeremiya, na Baruki mwene Neriya;
Muzobona ibara, ah’abantu bose bazobashemagiza; kukw ari ko ba sekuruza babo bāshemagije abīgira abavugishwa n’Imana.