9 arababarira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, uwo mwantumyeko kumushikiriza ivyo mwasavye:
Ngo Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amagambo yose ya Rabushake, ayo shebuja umwami w’i Ashuri yamutumye gutuka Imana nzima, Uhoraho Imana yawe akamuhana kubg’ ayo magambo yumvise. Ngo Nuko rero, shirak’ usenge, usabire amasigarira agisigaye.
Yesaya arababgira, at’ Uku abe ari ko mubgira shobuja, mut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Ntutinye ayo magambo wumvise, abo baja b’umwami w’i Ashuri bamurogoseko.
bēgēra uwavugishwa n’Imana Yeremiya, bati Turakwinginze, emera ico tugusaba, udusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge aya masigarira twese; kuko dusigaye turi bake twahora turi benshi, nk’uko nawe utwibonera:
Ahamagara Yohanani mwene Kareya, n’abagabisha b’ingabo bose bāri kumwe na we, n’abantu bose uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye,