Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 42:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuk’ uwavugishwa n’Imana Yeremiya arabishura, at’ Ego ndumvise; ngiye kubasengera k’Uhoraho Imana yanyu nk’uko muvuze: maz’ ico Uhoraho azonyishura cose nzokibabarira; sinzogira ico mbahisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 42:4
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Sinnyegeza ukugororoka kwawe mu mutima wanje; Mvuga agakiza kawe, n’ingen’ ur’ uwo kwizigirwa: Imbabazi zawe n’ukuri kwawe simbihisha ishengero ryinshi.


Mose aramwishura, at’ Ehe ndagiye; ndasaba Uhoraho, ejo az’ akūre ayo masinzi y’ibibugu kuri wewe, mwe n’abanyarugo bawe n’ abantu bawe. Ariko Nyaguhora ku ngoma, woye kwongera kuduhenda, ngo wanke kurekura abantu ngo bagende bashikanire Uhoraho ibimazi.


Kamenyi ni yagira ico yarose, n’akirotore; kand’ ūfise ijambo ryanje n’ avuge iryo jambo adacishije i ruhande. Mbeg’ umuguruka uhwanye ute n’ingano? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Uku az’ abe ari k’umuntu wese abaza umubanyi wiwe, abaze na mugenzi we, ati Mbeg’ Uhoraho yishuye iki? Kand’ ati Mbeg’ Uhoraho yavuze iki?


rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Hagarara mu nyubakwa y’ingoro yanje Uhoraho, ubarire ab’ibisagara vyose vy’i Buyuda baza gusenga mu ngoro yanje, amajambo yose nkubarira yo kubabgira: ntusige na rimwe.


Nuk’ uz’ ubabarire amajambo yanje, bovyumva batovyumva; kukw ar’ abagarariji.


Kandi murazi yukw ata jambo ribereye nacishije i ruhande kubabgira canke kubigishiriza imbere y’abantu mu nzu no mu yindi.


kuko ntacishije i ruhande mbabgira ivy’ Imana yagabiye vyose.


Bene Data, ivyohimbara umutima wanje n’ivyo nsengera Abisirayeli ku Mana, n’ukugira ngo bakizwe.


Kandi nanje, ntibikanzeko ko noreka kubasengera, ngacumura k’Uhoraho, ariko nzokwama mbarangira inzira nziza itunganye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ