Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 42:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 kugira ng’ Uhoraho Imana yawe atwereke uko dukwiye kugenza n’ico dukwiye gukora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 42:3
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru, uharire abasavyi bawe icaha cabo, ari bo bantu bawe b’Abisirayeli, ubarangire inzira nziza bakwiye kujana, urekurire imvura mu gihugu cawe, ico wahaye abantu bawe kw ishamvu.


Maze ntāngāriza aho nyene kur’ urwo ruzi Ahava ivyo kwisonzesha, kugira ngo twicishe bugufi imbere y’Imana yacu, ngo tuyisabe iduhe kugira urugendo rwiza, twebge n’abana bacu n’ ibintu vyacu vyose.


Ndangira inzira yawe, Uhoraho, Undōngōre mu nzira y’umuharuro, Kubg’ abandyamiye.


Uhoraho, ndangira inzira yawe; nanje nzogendera mu kuri kwawe; Egeranya umutima wanje kugira ngo wubahe izina ryawe.


Umumenye mu ngendo zawe zose, Na we azogorora inzira zawe.


Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Muhagarare mu mayira, mwitegereze, mubaze inzira za kera, inzira nziza iy’ ari yo, abe ari yo mujana, maze muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu: ariko bo baravuga, bat’ Eka ntituyijana.


Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, mk ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


Muti Ni nde mu baremwe bose yigeze kwumva ijwi ry’Imana nzima rivugira hagati mu muriro, nk’uko twebge turyumvise, agaheza akabaho ntapfe?


At’ Icompa bagahorana ben’ uwo mutima, ubatera kunyubaha no kwama bitondera ivyagezwe vyanje vyose, kugira ngo bamererwe neza, bo n’uruvyaro rwabo, ibihe vyose!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ