7 Nuko bamaze gushika hagati mu gisagara, Ishimayeli mwene Netaniya arabica, afatanije n’abagabo bāri kumwe na we, abashiburira mu cobo co kubīka amazi.
Bukeye Peka mwene Remaliya, umugabisha wiwe, afatanya n’ Abanyegileyadi mirongwitanu, aramugarariza, amwicana na Arugobi na Ariyeha, abatsinda i Samariya mu munara wo mu rugo i bgami; nukw amaze kumwica asubira ku ngoma yiwe.
Ariko wewe Mana, ba bandi uzobamanukana muri rwa rwobo rw’amahonero; Abicanyi n’ingunge ntibazocagatiza imisi y’ubugingo bgabo; Ariko jeho nzokwama nkwizigira.
Kukw ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, Kandi bihutira kuvisha amaraso.
ariko weho bāgushiburiye kure y’imva yawe nk’inda y’urusoro iteye ishishi, uhagatiwe n’abishwe basogōswe n’inkota, bamanuka baja mu mabuye no muri rwa rwobo; weho umeze nk’umuvyimba basiribanga:
Ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, kandi bihutira kuvisha amaraso y’abatācumuye; ivyiyumviro vyabo n’ivyiyumviro vy’ubugāba; kugeseza no guhonnya biri mu nzira zabo.
Abaganwa baho bameze nk’amabingira atabagura ico ahīze; bavisha amaraso, bagahonnya abantu, ngo bironkere inyungu.
Ibirenge vyabo vyihutira kuvisha amaraso.