Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 41:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 haza bamwe bavuye i Shekemu n’i Shilo n’i Samariya, abagabo mirongumunani, bāri bimosheje ubganwa bgabo inkomvorera, bitantamuriyekw impuzu zabo, bikebaguye ku mibiri, bazanye amashikanwa n’imibavu mu minwe, ngo babizane mu ngoro y’ Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 41:5
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yakobo avuye i Padan‐aramu ashika amahoro mu gisagara ca Shekemu, co mu gihugu c’i Kanani; ashinga amahema imbere y’igisagara.


Maze mwene Hamori Umuhiwi, atwara ico gihugu, yitwa Shekemu, aramubona; aramufata, aramusindira, aryamana na we.


Maze bene se baja kuragira umukuku wa se i Shekemu.


Nuko Hanuni afata abo bantu ba Dawidi, abamwa ubganwa bg’umusaya umwe, akeba impuzu zabo ahereye hagati ku kibuno, araheza arabarungika.


Bukeye Rehobowamu aja i Shekemu, kukw ari ho Abisirayeli bose bari bagiye kumwimikira.


Maze Yerobowamu yubaka i Shekemu mu mugamba w’Abefurayimu, abayo; hanyuma avayo, yubaka i Penuweli.


bukeye agura na Shemeri umusozi w’i Samariya, atanga italanto zibiri z’ifeza, yubaka kur’ uwo musozi; umurwa yubatse awita Samariya, awitiriye Shemeri nyen’ uwo musozi.


Mu mwaka ugira mirongwitatu n’umunani Asa umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Ahabu mwene Omuri yima mu Bisirayeli; amara imyaka mirongwibiri n’ibiri i Samariya aganza Abisirayeli.


Araheza yanda umuriro ingoro y’Uhoraho, n’ingoro y’umwami, n’amazu yose y’i Yerusalemu; mber’ inzu yose ikomeye ayitongoza umuriro.


Nuko Hanuni afata abo bantu ba Dawidi, abamwa ubganwa, akeba impuzu zabo ahereye hagati ku kibuno, araheza arabarungika.


Kukw abasavyi bawe bahimbarwa n’amabuye yaho, Umukungugu waho ubateye akagongwe.


Bituma iheba umugerēro w’i Shilo, Ni wo hema yashinze hagati y’abantu.


Umukobga w’i Diboni aradūze, aja mu bitabo kuririrayo; Abanyamowabu bariko baraborogera i Nebo n’i Medeba: imitwe yabo yose imowe inkomvorera, bo n’ubganwa bgose.


Abakuru n’abato bazopfira mur’ iki gihugu: ntibazohambga, kand’ abantu ntibazobaborogera, canke ngo bikebagure, canke ngo babīmwēre ibimwerere:


Bukeye ku musi ugira kabiri amaze kwica Gedaliya, kand’ ata wurabimenya,


I Gaza hasigaye ar’ uruharabuga; Ashikeloni harakomvomvowe, bo n’amasigarira yo mu kiyaya caho: uzokwikebagura ushitse ryari?


Kukw imitwe yabo yose imowe inkomvorera, n’ ubganwa bgose bumowe; ku maboko yose har’ ibikebagure, no mu rukenyerero hose hakenyeye amagunira.


Enda ni mugende ha hantu hanje i Shilo, aho natanguye gushira izina ryanje ngo rihabe, mwitegereze ivyo nahagiriye kubg’ ivyaha vy’abantu banje b’Abisirayeli.


nuko rero, nk’uko nagiriye i Shilo, ni ko nzogirira iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, iyo mwizigira, ni ho hantu nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu.


imitima yanyu abe ari yo mutabura, ariko s’impuzu zanyu, kandi mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu: kukw ar’ inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


Mwebge mur’ abana b’ Uhoraho Imana yanyu: ntimukikebagure ku mibiri yanyu, canke ngo mwiharanguze ibimwerere mu bitwariro kubg’ ūpfuye.


Maz’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bakoranira i Shilo, bahashinga ihema ry’ibonaniro; kand’ igihugu cari kimaze gukōndōka.


Kand’ amagufa ya Yosefu, Abisirayeli bāri bāradūganye bayakūye muri Egiputa, bāyahamvye i Shekemu, ku gasozi Yakobo yari yaraguze na bene Hamori se wa Shekemu amahera ijana y’ifeza yitwa kesita; gaca kaba ishamvu y’aba Yosefu.


Nukw ico gishushanyo kibājwe bāshinze, ico Mika yari yarironkeye, kiguma ngaho kumara igihe cose inzu y’ Imana yamaze i Shilo.


Maze Abimeleki mwene Yerubayali aja i Shekemu kwa ba inarume, avugana na bo n’abo mu nzu ya sekuru avyara nyina, arababarira,


Uko ni ko vyāgenda, uk’ umwaka utashe: uko Hana yadūga aja mu ngoro y’Uhoraho, ni ko mukēba we yamushinyagurira. Ni co cātuma arira, akanka kurya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ