Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 41:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Maze Ishimayeli mwene Netaniya avana hasi n’abo bagabo cumi bāri kumwe na we, bacumita inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, baramwica, kand’ ari we umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza igihugu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 41:2
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


Ariko mu kwezi kw’indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya wa Elishama, wo mu nda y’ingoma, azanana n’abantu cumi, baraza, bagurukira kuri Gedaliya baramwica, bica n’Abayuda n’Abakaludaya bāri kumwe na we i Misipa.


Ku neza nabagiriye banyishuye inabi, Ku rukundo banyishuye urwanko.


Mber’ umukunzi wanje pfampfe, uwo nizigira, nagaburira, Na we ambanguriye umugere.


baramubgira, bati Mbeg’ urazi yuko Bayalisi umwami w’Abamoni yatumye Ishimayeli mwene Netaniya kukwica? Ariko Gedaliya mwene Ahikamu ntiyavyemera.


Ariko Gedaliya mwene Ahikamu abarira Yohanani mwene Kareya, ati Ntuz’ ukore ikintu kimeze girtyo: kuk’ ubeshera Ishimayeli.


Agitebaganye kumwishura, aramubgira, ati Subirayo, uje kuri Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, umwe umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza ibisagara vy’i Buyuda, wibanire na we hagati mu bandi bantu: cank’ aho wumva ko hakubereye kugenda hose, abe ari ho uja. Nuko wa mukuru w’abashibamyi amuha impamba n’ingabire, aramurekura.


Nukw abagabisha bose b’ingabo bari bakwiragiye mu misozi, bo n’ingabo zabo, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yashizeho Gedaliya mwene Ahikamu kuganza igihugu, kandi ko yamuragije abagabo n’abagore n’abana, n’abo muri ba nyarucari batambukanywe kw inyagano i Babuloni;


baza kuri Gedaliya i Mizipa. Ni bo aba: Ishimayeli mwene Netaniya, na Yohanani na Yonatani bene Kareya, na Seraya mwene Tanehumeti, na bene Efayi w’i Netofati, na Yezaniya umwana w’Umunyamayakati, bo n’ingabo zabo.


Ishimayeli yica kandi n’ Abayuda bāri kumwe na Gedaliya i Mizipa, bo n’abasoda b’Abakaludaya bāri basanzweyo.


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ