Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 41:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 kubg’ Abakaludaya: kuko bābatinya, kuko Ishimayeli mwene Netaniya yari yishe Gedaliya mwene Ahikamu, uwo umwami w’i Babuloni yari yarashizeho kuganza igihugu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 41:18
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abantu basigaye mu gihugu c’i Buyuda, abo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yashigaje, abaha Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, ngw abaganze.


Ariko mu kwezi kw’indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya wa Elishama, wo mu nda y’ingoma, azanana n’abantu cumi, baraza, bagurukira kuri Gedaliya baramwica, bica n’Abayuda n’Abakaludaya bāri kumwe na we i Misipa.


Mbeg’ uwo watinya ukamugirira ubgoba ni nde, bigatuma ubesha, ntunyibuke, ng’ ubishirek’ umutima? Mbega simmaze igihe kinini ncereje, si co catumye utanyubaha?


Agitebaganye kumwishura, aramubgira, ati Subirayo, uje kuri Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, umwe umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza ibisagara vy’i Buyuda, wibanire na we hagati mu bandi bantu: cank’ aho wumva ko hakubereye kugenda hose, abe ari ho uja. Nuko wa mukuru w’abashibamyi amuha impamba n’ingabire, aramurekura.


Maz’ abagabisha b’ingabo bose, na Yohanani mwene Kareya, na Yezaniya mwene Hoshaya, n’abantu bose uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye,


Ngo Reka gutinya umwami w’i Babuloni, uwo mutinya uwo; ntimumutinye, ni k’Uhoraho agize; ngo Kukw ari kumwe namwe ngw abakize, abarokore abakūre mu kuboko kwiwe.


nukw inkota mutinya izobahamvyayo, mu gihugu ca Egiputa, n’inzara mutinya izobakurikirana no muri Egiputa; kandi ni yo muzogwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ