Yeremiya 41:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)18 kubg’ Abakaludaya: kuko bābatinya, kuko Ishimayeli mwene Netaniya yari yishe Gedaliya mwene Ahikamu, uwo umwami w’i Babuloni yari yarashizeho kuganza igihugu. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Agitebaganye kumwishura, aramubgira, ati Subirayo, uje kuri Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, umwe umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza ibisagara vy’i Buyuda, wibanire na we hagati mu bandi bantu: cank’ aho wumva ko hakubereye kugenda hose, abe ari ho uja. Nuko wa mukuru w’abashibamyi amuha impamba n’ingabire, aramurekura.