13 Nukw abantu bose bāri kumwe na Ishimayeli babonye Yohanani mwene Kareya n’abagabisha b’ingabo bose bāri kumwe na we, baranezerwa.
bajana n’ ingabo zose, baja kurwanya Ishimayeli mwene Netaniya, bamusanga hafi y’ikidengeri kinini c’i Gibeyoni.
Nukw abantu bose Ishimayeli yarajanye kw inyagano abakūye i Mizipa, barahindukira, baherēra kuri Yohanani mwene Kareya.