12 bajana n’ ingabo zose, baja kurwanya Ishimayeli mwene Netaniya, bamusanga hafi y’ikidengeri kinini c’i Gibeyoni.
Yowabu umwana wa Seruwiya na we, n’abantu ba Dawidi, baragenda bahūrira na bo ku kidengeri c’i Gibeyoni; nuko baricara, bamwe hakurya y’ ico kidengeri, abandi hakuno.
Nukw abantu bose bāri kumwe na Ishimayeli babonye Yohanani mwene Kareya n’abagabisha b’ingabo bose bāri kumwe na we, baranezerwa.