Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 41:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maze Ishimayeli ajana kw inyagano amasigarira yose y’abantu bār’ i Mizipa, ni bo bakobga b’umwami n’abantu bose bāri bagisigaye i Mizipa, abo Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi yari yaragije Gedaliya mwene Ahikamu. Nuko Ishimayeli mwene Netaniya abajana kw inyagano, avayo ngw aje mu Bamoni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 41:10
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Buno Sanibalati Umuhoroni bo na Tobiya Umwamoni w’umugurano bavyumvise, bibamerera nabi cane yuko haje umuntu ababaye Abisirayeli.


Ariko Sanibalati Umuhoroni, na Tobiya Umwamoni w’umugurano, na Geshemu Umwarabo, bavyumvise baradushinyagurira, batubarirana agakengerwe, bat’ Ivyo mukora n’ibiki? Mbega s’ uko mugomba kugarariza umwami?


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwandike uyu muntu kw abaye incike, umuntu atazopfa aroraniwe: kukw ata wo mu ruvyaro rwiwe azororanirwa, ngw asubire ku ngoma ya Dawidi, canke ngw az’ asubire kuganza i Buyuda.


Kandi bazosohora abamikazi bawe bose n’abana bawe babahe Abakaludaya: nawe ntuzokwikiza ng’ uve mu maboko yabo, arik’ uzofatwa n’ukuboko kw’umwami w’i Babuloni: kandi ni wewe uzoba uzaniye iki gisagara gutongozwa umuriro.


Nuk’ uwo mwami w’i Babuloni yicira abahungu ba Zedekiya imbere y’amaso yiwe nyene i Ribula; kand’ uwo mwami w’i Babuloni yica n’abaganwa bose b’i Buyuda.


baramubgira, bati Mbeg’ urazi yuko Bayalisi umwami w’Abamoni yatumye Ishimayeli mwene Netaniya kukwica? Ariko Gedaliya mwene Ahikamu ntiyavyemera.


Nukw abagabisha bose b’ingabo bari bakwiragiye mu misozi, bo n’ingabo zabo, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yashizeho Gedaliya mwene Ahikamu kuganza igihugu, kandi ko yamuragije abagabo n’abagore n’abana, n’abo muri ba nyarucari batambukanywe kw inyagano i Babuloni;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ