Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 41:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze mu kwezi kw’indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya wa Elishama, wo mu nda y’ingoma, ari we umwe mu babgiriza bakuru b’umwami, azanana n’abantu cumi, aja kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa; nuko basangirira na we aho nyene i Mizipa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 41:1
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


Maze Ataliya nyina wa Ahaziya abonye k’umwana wiwe Ahaziya apfuye, arahaguruka ageseza abo mu nda y’ingoma bose.


Abantu basigaye mu gihugu c’i Buyuda, abo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yashigaje, abaha Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, ngw abaganze.


Ariko mu kwezi kw’indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya wa Elishama, wo mu nda y’ingoma, azanana n’abantu cumi, baraza, bagurukira kuri Gedaliya baramwica, bica n’Abayuda n’Abakaludaya bāri kumwe na we i Misipa.


Maze Ataliya nyina wa Ahaziya abonye k’umwana wiwe Ahaziya apfuye, arahaguruka ageseza abo mu nda y’ingoma y’i Buyuda bose.


Ku neza nabagiriye banyishuye inabi, Ku rukundo banyishuye urwanko.


Mber’ umukunzi wanje pfampfe, uwo nizigira, nagaburira, Na we ambanguriye umugere.


Ubgibone butera imitongano gusa, Arik’ ubgenge bubana n’ abemera inama nziza.


Uburake ni ruburakigongwe, ishavu ritwara nk’umuvo, Ariko ni nde yoshobora kwihanga ishari?


aramanuka aja mu ngoro y’umwami, ashika mu cumba c’umukarani: ahasanga abaganwa bose bicaye, ni bo aba: Elishama umukarani, na Delaya mwene Shemaya, na Elunatani mwene Akabori, na Gemariya mwene Shafani, na Zedekiya mwene Hananiya, n’ abandi baganwa bose.


Baja ah’ umwami ari mw irebe, basize uwo muzingo mu cumba ca Elishama umukarani; umwami bamudondera ayo majambo yose.


baratuma, bakūra Yeremiya mu rugo rw’ibohero, bamuha Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, ngw amujane i we: nuko yibera ngaho mu bandi bantu.


Maze Yohanani mwene Kareya, n’abagabisha bose b’ingabo bāri bakwiragiye mu misozi, baza kuri Gedaliya i Mizipa,


Agitebaganye kumwishura, aramubgira, ati Subirayo, uje kuri Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, umwe umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza ibisagara vy’i Buyuda, wibanire na we hagati mu bandi bantu: cank’ aho wumva ko hakubereye kugenda hose, abe ari ho uja. Nuko wa mukuru w’abashibamyi amuha impamba n’ingabire, aramurekura.


Nuko Yeremiya aja kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa, yibanira na we hagati mu bandi bantu bari barasigaye mu gihugu.


Nukw abagabisha bose b’ingabo bari bakwiragiye mu misozi, bo n’ingabo zabo, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yashizeho Gedaliya mwene Ahikamu kuganza igihugu, kandi ko yamuragije abagabo n’abagore n’abana, n’abo muri ba nyarucari batambukanywe kw inyagano i Babuloni;


baza kuri Gedaliya i Mizipa. Ni bo aba: Ishimayeli mwene Netaniya, na Yohanani na Yonatani bene Kareya, na Seraya mwene Tanehumeti, na bene Efayi w’i Netofati, na Yezaniya umwana w’Umunyamayakati, bo n’ingabo zabo.


atoranya uwo mu nda y’ ingoma, ashirah’ isezerano na we, amwaka indahiro; kand’ ajana n’ abahambaye bo mu gihugu,


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ