Yeremiya 41:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Maze mu kwezi kw’indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya wa Elishama, wo mu nda y’ingoma, ari we umwe mu babgiriza bakuru b’umwami, azanana n’abantu cumi, aja kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa; nuko basangirira na we aho nyene i Mizipa. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Agitebaganye kumwishura, aramubgira, ati Subirayo, uje kuri Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, umwe umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza ibisagara vy’i Buyuda, wibanire na we hagati mu bandi bantu: cank’ aho wumva ko hakubereye kugenda hose, abe ari ho uja. Nuko wa mukuru w’abashibamyi amuha impamba n’ingabire, aramurekura.