Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 40:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 baza kuri Gedaliya i Mizipa. Ni bo aba: Ishimayeli mwene Netaniya, na Yohanani na Yonatani bene Kareya, na Seraya mwene Tanehumeti, na bene Efayi w’i Netofati, na Yezaniya umwana w’Umunyamayakati, bo n’ingabo zabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 40:8
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Abamoni babonye ko bateye Dawidi akayigo, batuma ku Basiriya b’i Beti‐rehobu n’ab’i Zoba, babaha impēra ngo babahe ingabo ibihumbi mirongwibiri, bahēra n’umwami w’i Mayaka, azana ingabo igihumbi, n’iz’ i Tobu ibihumbi cumi na bibiri.


Nukw Abamoni basokoroka mu gisagara, batonda urugamba mw ishikiro kw irembo; Abasiriya b’i Zoba n’ab’i Rehobu, n’ingabo z’i Tobu n’iz’ i Mayaka, na bo baja ukwabo mu gahinga.


na Elifeleti mwene Ahasubayi w’i Mayaka, na Eliyamu mwene Ahitofeli w’i Giloni;


Maz’ abagabisha bose b’ingabo, bo n’ingabo zabo, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yashizeho Gedaliya kuganza igihugu, baza kuri Gedaliya i Misipa. Ni bo aba: Ishimayeli mwene Netaniya, na Yohanani mwene Kareya, na Seraya mwene Tanehumeti w’i Netofati, na Yezaniya umwana w’Umunyamayaka, bo n’ingabo zabo.


Ariko mu kwezi kw’indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya wa Elishama, wo mu nda y’ingoma, azanana n’abantu cumi, baraza, bagurukira kuri Gedaliya baramwica, bica n’Abayuda n’Abakaludaya bāri kumwe na we i Misipa.


na Maharayi w’i Netofati, na Heleda mwene Bayana w’i Netofati nyene;


Kandi Mayaka, incoreke ya Kalebu, Kalebu amuvyarako Sheberi na Tiruhana.


Abandurutse kuri Saluma ni Betelehemu n’Abanetofati na Atiroti‐Beti‐Yowabu na Hasi‐hamanahati n’Abasori.


ni bo bāzananye na Zerubabeli na Yosuwa na Nehemiya, na Seraya na Reyelaya na Moridekayi, na Bilishani na Misipari na Bigivayi, na Rehumu na Bayana. Igitigiri c’abagabo bo mu Bisirayeli ngiki:


Abagabo b’i Netofa ni mirongwitanu na batandatu.


Abagabo b’i Betelehemu n’i Netofa n’ijana na mirongumunani n’umunani.


Abaganwa bashavurira Yeremiya, baramukubita, bamushira mw ibohero mu nzu ya Yonatani umukarani, kuko bāri bayigize ibohero.


Non’ urazirikanye, mwami wanje nyen’ ingoma, tegēra ivyo ngusavye ndakwinginze; ntunsubize mu nzu ya Yonatani umukarani, simpfireyo.


uz’ ubabgire, uti Nari kwinginga umwami ngo yoye kunsubiza mu nzu kwa Yonatani, ngo ngweyo.


N’ Abayuda bose n’uko, abār’ i Mowabu no mu Bamoni no muri Edomu, n’abāri mu bihugu vyose, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yaretse amasigarira yo mu Bayuda, kandi ko yashizeho Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, kubaganza,


Maze Yohanani mwene Kareya, n’abagabisha bose b’ingabo bāri bakwiragiye mu misozi, baza kuri Gedaliya i Mizipa,


baramubgira, bati Mbeg’ urazi yuko Bayalisi umwami w’Abamoni yatumye Ishimayeli mwene Netaniya kukwica? Ariko Gedaliya mwene Ahikamu ntiyavyemera.


Maze Yohanani mwene Kareya abaririra Gedaliya mu mpisho i Mizipa, ati Ndekura ndakwinginze, nje kwica Ishimayeli mwene Netaniya; nta muntu azobimenya: mbega yokwicira iki, Abayuda bose batororokaniye kuri wewe bagasubira gusanzara, amasigarira y’i Buyuda agahona?


Nuko Yeremiya aja kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa, yibanira na we hagati mu bandi bantu bari barasigaye mu gihugu.


Maze mu kwezi kw’indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya wa Elishama, wo mu nda y’ingoma, ari we umwe mu babgiriza bakuru b’umwami, azanana n’abantu cumi, aja kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa; nuko basangirira na we aho nyene i Mizipa.


Maze Yohanani mwene Kareya, n’abagabisha bose b’ingabo bāri kumwe na we, bumvise ivyo bibi vyose Ishimayeli mwene Netaniya yakoze,


Maze Ishimayeli mwene Netaniya avana hasi n’abo bagabo cumi bāri kumwe na we, bacumita inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, baramwica, kand’ ari we umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza igihugu.


Maz’ abagabisha b’ingabo bose, na Yohanani mwene Kareya, na Yezaniya mwene Hoshaya, n’abantu bose uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye,


Ahamagara Yohanani mwene Kareya, n’abagabisha b’ingabo bose bāri kumwe na we, n’abantu bose uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye,


Azariya mwene Hoshaya, na Yohanani mwene Kareya, n’abagabo b’abibone bose, babarira Yeremiya, bat’ Uvuze ibinyoma: Uhoraho Imana yacu ntiyagutumye kuvuga, ngo Ntituje muri Egiputa kubayo;


Ariko Yohanani mwene Kareya n’abagabisha b’ingabo bose, bajana amasigarira yose y’Abayuda, abāri bagarutse kuba mu gihugu c’i Buyuda bavuye mu mahanga yose aho bāri barirukaniwe;


(Yayiri umwuzukuruza wa Manase ni we yanesheje iyo ntāra yose yo muri Arugobu, ari ho i Bashani, gushitsa ku rubibe rw’Abageshuri n’ Abanyamayaka: ibisagara vyaho avyitiranya n’izina ryiwe, avyita Havoti‐yayiri, nk’uko bicitwa na bugingo n’ubu.)


yatwara uhereye ku musozi Herumoni n’i Saleka n’i Bashani hose, gushitsa ku rugabano rw’Abageshuri n’Abanyamayaka, n’igihimba c’i Gileyadi gushitsa ku rugabano rwa Sihoni umwami w’i Heshiboni.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ