Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 40:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nukw abagabisha bose b’ingabo bari bakwiragiye mu misozi, bo n’ingabo zabo, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yashizeho Gedaliya mwene Ahikamu kuganza igihugu, kandi ko yamuragije abagabo n’abagore n’abana, n’abo muri ba nyarucari batambukanywe kw inyagano i Babuloni;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 40:7
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikw asiga ba nyarucari bo mur’ ico gihugu, ngo batunganye imizabibu, barime.


Abakaludaya baraheza basatura uruzitiro rw’ico gisagara, maz’ ingabo zose zihenga mw ijoro zirahunga, ziciye mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri, cari hafi y’indimiro y’umwami; kand’ Abakaludaya bāri bakikije igisagara impande zose; nuk’ umwami ajana inzira ica mu kiyaya Araba.


Ariko Nebuzaradani uwo mukuru w’abashibamyi, asiga mu gihugu c’i Buyuda abantu ba nyarucari batagira ico batunze, abaha imirima y’inzabibu n’amatongo ico gihe.


baratuma, bakūra Yeremiya mu rugo rw’ibohero, bamuha Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, ngw amujane i we: nuko yibera ngaho mu bandi bantu.


Maze Zedekiya umwami w’i Buyuda n’ingabo zose bababonye, barahunga, bahenga mw ijoro bava mu gisagara, baciye mu ndimiro y’umwami no mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri: umwami ajana inzira ica mu kiyaya Araba.


Maze Nebuzaradani, umukuru w’abashibamyi, ajana i Babuloni amasigarira y’abantu bāri bagisigaye mu gisagara, n’abāri bāragiye kumwisaba, n’amasigarira y’abantu bāri bagisigaye, abajana ar’ inyagano.


Maze mu kwezi kw’indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya wa Elishama, wo mu nda y’ingoma, ari we umwe mu babgiriza bakuru b’umwami, azanana n’abantu cumi, aja kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa; nuko basangirira na we aho nyene i Mizipa.


Maze Ishimayeli ajana kw inyagano amasigarira yose y’abantu bār’ i Mizipa, ni bo bakobga b’umwami n’abantu bose bāri bagisigaye i Mizipa, abo Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi yari yaragije Gedaliya mwene Ahikamu. Nuko Ishimayeli mwene Netaniya abajana kw inyagano, avayo ngw aje mu Bamoni.


Maze Yohanani mwene Kareya, n’abagabisha bose b’ingabo bāri kumwe na we, bumvise ivyo bibi vyose Ishimayeli mwene Netaniya yakoze,


abagabo n’abagore n’abana, n’abakobga b’ umwami, n’umuntu wese Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi yari yararagije Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, bo n’ūvugishwa n’Imana Yeremiya, na Baruki mwene Neriya;


Ariko Nebuzaradani, uwo mukuru w’abashibamyi, asiga abandi bo muri ba nyarucari bo mur’ ico gihugu ngo batunganye imizabibu, barime.


Abantu bose bo mu gihugu bazozanira segaba w’Abisirayeli iryo shikanwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ