Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 40:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 kand’ Uhoraho arabishikanye, agize nk’ uko yavuze; ko mwacumuye k’ Uhoraho, ntimumwumvire, ivyo ni vyo vyatumye ivyo bibashikako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 40:3
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yamara ngo babone impore, bagasubira gukorera ibibi imbere yawe, nawe ukongera kubagabura mu maboko y’abansi babo bakabaganza. Mugabo, basubiye kugutakambira ukabumva uri mw ijuru, ukabarokora ibihe n’ibihe kubg’ imbabazi zawe.


Ariko mur’ ivyo vyose vyatubayeko, weho wama uboneka ugororotse, wama ukora ibiroranye, yamara twebge twakoze ibibi.


Kuko jewe Uhoraho Nyen’ ingabo nari narakubaditse, ari jewe nyene nkugeneye ivyago, kubg’ ibibi vyakozwe n’ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda, ivyo bakoze vyo kundatsa, mu kwosereza Bayali imibavu.


Kand’ amahanga menshi azoca i ruhande y’iki gisagara, bazobazanya, bati N’iki catumye Uhoraho agirira artyo iki gisagara gihambaye?


riti Genda ubarire Ebedumeleki Umunyetiyopiya, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Rāba ngira nshitse kur’ iki gisagara ayo nakivuzeko y’ivyago, atar’ ay’ ivyiza; kandi bizoshika uvyibonera kuri nya musi.


Ko mwosheje imibavu, mugacumura k’Uhoraho, ntimwumvire Uhoraho, ngo mugendere mu vyagezwe vyiwe, no mu vyo yashinze no mu vyo yihanikirije, ivyo ni vyo vyatumye ibi vyago bibashikako, nk’uko bimeze n’uyu musi.


Abābabonye bose bāgiye babatsontsomera; abarwanizi babo bāvuze, bati Nta caha dukoze, kuko bācumuye k’Uhoraho, ari we i wabo w’ubugororotsi, k’Uhoraho, ari we vyizigiro vya ba sekuruza.


Uhoraho yakoze ico yagabiye; Yashikije ijambo ryiwe yashinze mu misi ya kera; Yagukubise hasi ata kagongwe; Yahaye umwansi kukwitamba hejuru, Yashize hejuru ihembe ry’ abarwanizi bawe.


Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,


Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana:


Abantu bazobishura, bati N’uko bāretse isezerano ry’Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, iryo yari yasezeranye na bo, igihe yabakūra mu gihugu ca Egiputa;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ