Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 40:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 nukw Abayuda bose baragaruka, bavuye ahantu hose aho bari barirukaniwe, bashika mu gihugu c’i Buyuda, baza kuri Gedaliya i Mizipa, bamura inzabibu za vino n’ivyo ibiti vyama vyinshi cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 40:12
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubgatsi butemwe burakūrwaho, ubundi bukamera, Ivyatsi vyo ku misozi bikegeranywa.


Kubg’ ivyo nzoririra uruzabibu rw’i Sibuma, nk’ukw ab’ i Yezeri baruririra. Nzogutotesha amosozi yanje, yewe Heshiboni, nawe Eleyale: kukw akarūru k’intambara kavugiye ku vyeze vyawe vyo mu ci no ku vyimburwa vyawe.


Nanje rāba ngerereye i Mizipa, kugira ngo nshikirweko n’Abakaludaya mu vyo bazombarira vyose, ni baza ino: ariko mweho, mwamure inzabibu za vino n’ivyo ibiti vyama na elayo z’amavuta, mubishire mu mibindi yanyu, mwibere mu bisagara vyanyu mwegukiye.


Maze Yohanani mwene Kareya, n’abagabisha bose b’ingabo bāri bakwiragiye mu misozi, baza kuri Gedaliya i Mizipa,


Maze Ishimayeli ajana kw inyagano amasigarira yose y’abantu bār’ i Mizipa, ni bo bakobga b’umwami n’abantu bose bāri bagisigaye i Mizipa, abo Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi yari yaragije Gedaliya mwene Ahikamu. Nuko Ishimayeli mwene Netaniya abajana kw inyagano, avayo ngw aje mu Bamoni.


Ariko Yohanani mwene Kareya n’abagabisha b’ingabo bose, bajana amasigarira yose y’Abayuda, abāri bagarutse kuba mu gihugu c’i Buyuda bavuye mu mahanga yose aho bāri barirukaniwe;


Arik’ uhereye igihe twarekeye kwosereza imibavu umwamikazi wo mw ijuru, no kumusukira ibiturire, ni ho twaciye duhīndāna, tukamarwa n’inkota n’inzara.


Intama zanje zayerereye ku misozi yose, no ku gasozi kose karekare; mber’ intama zanje zāsābagiriye mw isi yose; kandi nta warushe azirondera canke ngw azibariritse.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ