Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maze kur’ uwo musi, umutima w’umwami uzoranduka, n’imitima y’abaganwa, ni jewe Uhoraho mbivuze; kand’ abaherezi bazokwumirwa, ba kamenyi batangare.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:9
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abakaludaya baraheza basatura uruzitiro rw’ico gisagara, maz’ ingabo zose zihenga mw ijoro zirahunga, ziciye mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri, cari hafi y’indimiro y’umwami; kand’ Abakaludaya bāri bakikije igisagara impande zose; nuk’ umwami ajana inzira ica mu kiyaya Araba.


Umutima wanje ukubiswe nk’ ubgatsi, urakabiranye: Kuko nibagira kurya igisa canje.


Kur’ uwo musi Egiputa hazocika bga bagore: hazohinda agashitsi hatinye, kubg’ ugushongongeza ukuboko kw’Uhoraho Nyen’ ingabo, ahashongongereza.


Umutima wa Egiputa uzokamangana, nanje nzokwica imigabo yaho; bazoja gusiguza ibigirwamana n’abavovota n’abahamagara imizimu bo n’abamenyi.


Uko kizoba gihita kwose kizobafata; kuko kizokwama gihita uko bukeye, ku murango no mw ijoro, kandi gutahura bga butumwa kuzozana gucika ivutu gusa.


Nk’ukw igisuma kimāramāra iyo gifashwe, ni ko n’ab’ inzu ya Isirayeli bazomāramāra, bo n’abami babo n’abaganwa babo n’abaherezi babo na ba kamenyi babo;


Muboroge, mwa bungere, murire; mwitembagaze mu minyota, yemwe ba kizigenza mu mukuku: kukw igihe co kubāgwa kwanyu gishitse rwose; nzobasāvya, mukoroke nk’ikarabo riteye igomwe.


Ba kamenyi banyu bābabarira, ng’ Umwami w’i Babuloni ntazobatera canke ngw atere iki gihugu, bari hehe?


I Keriyoti haratsinzwe, ibihome bineshejwe giturumbuka; kur’ uwo musi imitima y’abahizi b’i Mowabu izomera nk’umutima w’ umugore ari mu bise.


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Abakaludaya baraheza basatura uruzitiro rw’ ico gisagara; maz’ ingabo zose zirahunga, zihenga mw ijoro ziva mu gisagara, ziciye mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri cari hafi y’indimiro y’umwami; kand’ Abakaludaya bāri bakikije igisagara impande zose; nuko zijana inzira ica mu kiyaya Araba.


ngo Rāba mwa banyagakēngērwe, mutangare, muyongayonge, Kuko ngira nkore igikorwa mu gihe canyu, Igikorwa mutazoruha mwemera, nah’ umuntu yokibasobanurira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ