Nk’ukw igisuma kimāramāra iyo gifashwe, ni ko n’ab’ inzu ya Isirayeli bazomāramāra, bo n’abami babo n’abaganwa babo n’abaherezi babo na ba kamenyi babo;
Muboroge, mwa bungere, murire; mwitembagaze mu minyota, yemwe ba kizigenza mu mukuku: kukw igihe co kubāgwa kwanyu gishitse rwose; nzobasāvya, mukoroke nk’ikarabo riteye igomwe.
ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?