Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kubg’ ivyo mukenyere amagunira, mucure umunihiro, muboroge: kuk’ uburake bganje bg’inkazi, jewe Uhoraho, budasubiye inyuma ngo bubaveko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:8
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibatera uburake bgayo bg’ inkazi, Uburake, n’ugushangashirwa, n’ivyago, Igitero c’abamarayika b’abaranduzi.


Nta gisigaye atar’ ugucishwa bugufi mu mbohe, canke guhindikiranywa mu bishwe. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Ni muboroge, kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.


Kur’ uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha inkomvorera no gukenyera amagunira:


Hinda agashitsi, yemwe bagore bidibamiye; hagarika imitima, yemwe mwa bidage! Mwiyambure impuzu, mwīsige ubusa, mukenyere amagunira mu rukenyerero.


Ni co catumye uburake bg’Uhoraho buziriringira abantu biwe, akababangurira ukuboko, akabakubita, imisozi ikaja mu gatengo, maz’ imivyimba yabo ikamera nk’imyanda hagati mu mayira. Yamara na ho nyene uburake bgiwe ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabanguye.


Abasiriya bazomuturuka imbere, Abafilisitiya na bo bamuturuke inyuma: bazokwasamira Isirayeli bamutsontsomere. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Ni co gitumye Umwami Imana atazonezererwa imisore yo muri bo, kand’ atazoterwa akagongwe n’impfuvyi zo muri bo n’abapfakazi: kukw abantu bose ar’ abatubaha Imana, bakaba inkozi z’ibibi, kandi n’akanwa kose kakavuga ubupfu. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Manase azorya Efurayimu, Efurayimu arye Manase; kandi bompi bazokwifatanya gutera Yuda. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Muboroge, mwa bungere, murire; mwitembagaze mu minyota, yemwe ba kizigenza mu mukuku: kukw igihe co kubāgwa kwanyu gishitse rwose; nzobasāvya, mukoroke nk’ikarabo riteye igomwe.


Uburake bg’inkazi bg’Uhoraho ntibuzohwama kugeza ah’ azoba ashikije ivyo umutima wiwe wagabiye, abiheraheje: mu misi yo hanyuma muzobitahura.


Mowabu haratēterewe; kuko hasanganguwe; muboroge, murire; muvuge inkuru kuri Arunoni kw i Mowabu hageseye.


Ewe Yerusalemu, wa mukobga ari bo bantu banje, kenyera amagunira, wikumbagaze mu minyota: vuza induru nk’ūyivugiriza umwana wiwe w’ikinege, uborogane akabonge kenshi; kuk’ umugeseza agira adushikeko giturumbuka.


Yemwe mwese abīhitira, mbega nta co murushe muvyibazako? Enda ni mwitegereze, murābe ko hoba umubabaro uhwanye n’uyu wanje wanshitseko, Uwo Uhoraho yambabarishije ku musi w’uburake bgiwe bg’inkazi.


Turikisha uboroge, mwana w’umuntu, kukw ibanguriwe abantu banje, ibanguriwe abaganwa bose b’Abisirayeli: bagerewe inkota hamwe n’abantu banje: shirako wishishitire.


riti Mwana w’umuntu, vuga ubūre, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ni muboroge, muti Yō! Ewe wa musi wo kuzobona ibara!


Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.


Imisi mikuru yanyu nzoyihindura umuborogo, n’indirimbo zanyu zose zicike agacurantimba; kandi bose nzobakenyeza amagunira, imitwe yose imobge inkomvorera; kandi nzobatera umuborogo nk’uwo baborogera umwana w’umuhungu w’ ikinege, amaherezo yavyo abe umusi w’akabonge.


Imoshe inkomvorera, wiharanguze, kubg’ abana bawe wakunda; ongeranya ubuhanza bgawe, bube nk’ubg’ ikinyakabaka; kuko wabasahuwe, bakajanwa ar’ inyagano.


Uhoraho abarira Mose, ati Jana n’abakuru bose baganza abantu, umanike abakoze ivyo imbere yanje, ubānikire ku zuba, kugira ng’ uburake bganje bg’inkazi buve ku Bisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ