Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Intambge isokorotse mu gisaka cayo, ni yo mugeseza w’amahanga; ifashe inzira, isokorotse ahantu hayo, kugira ngw itikize igihugu canyu, ibisagara vyanyu ngo bisigare ar’ imisaka, ata wukihaba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:7
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku ngoma ya Yehoyakimu, Nebukadineza umwami w’i Babuloni arabatera; Yehoyakimu aramwisaba, amara imyaka itatu aganzwa na we; araheza aramuhinduka, aramugarariza.


Mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari ku ngoma, mu kwezi kw’icumi, ku musi wakwo ugira icumi nyene, Nebukadineza umwami w’i Babuloni araza, bo n’ingabo ziwe zose, batera Yerusalemu, basagaza inyuma yaho; bubaka n’ibihome vyo kuhatera hirya no hino.


Igihugu canyu n’amatongo, ibisagara vyanyu vyakomvomvowe n’umuriro, abanyamahanga babaryana igihugu canyu mubona, kandi cacitse amatongo nk’ahakomvomvowe n’abanyamahanga koko.


Uhoraho Nyen’ ingabo yavugiye mu matwi yanje, ati N’ukuri ingo nyinshi zizoba imisaka, mbere na nini‐nini nziza zizosigara ata wukizibamwo.


Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa,


Imigunza y’intambge yamwivugiyeko irenza amajwi, yahinduye igihugu ciwe imisaka; ibisagara vyiwe vyaturiwe, bisigaye ata wukihaba.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ku vy’ingoro y’umwami w’i Buyuda, ati War’ umbereye nka Gileyadi, canke nk’ agatwe ka Lebanoni: n’ukuri nzoguhindura ubugaragwa, ube nk’ ibisagara bitakirimw’ umuntu.


Kandi nzogutegurira abo kugusangangura, umuntu wese muri bo afise ibirwanishwa; bazohimbagura inkingi zawe z’amasederi meza, baziterere mu muriro.


Yahevye ahiwe nk’ukw intambge iheba ikibundo cayo; kukw igihugu cabo gihindutse akajoreza kubg’ ubukare bg’inkota itwaza igitugu, no kubg’ uburake bgiwe bg’inkazi.


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


N’iki kikuvugisha mw izina ry’Uhoraho ngw Iyi ngoro izomera nk’i Shilo, ngo N’iki gisagara kizoba amatongo, ata wukikibamwo? Nukw abantu bose bakoranira kuri Yeremiya mu ngoro y’Uhoraho.


Maz’ ihanga ryose cank’ igihugu c’ umwami wese, ni habah’ abatemera gusaba Nebukadineza, uyo mwami w’i Babuloni, canke ngo bemere kugondera izosi ingōgo yiwe, iryo hanga nzorihana, ni k’ Uhoraho agize, ndarihanishe inkota n’inzara n’ikīza, gushitsa aho nzoba mperaheje kubaranduza ukuboko kwiwe.


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nt’ Aha hantu aho muririra, ngo Harakomvomvowe, ata muntu agisigayeho cank’ igitungwa, ngo No mu bisagara vy’i Buyuda n’ uko, no mu miharuro y’i Yerusalemu, ngo Hasigaye ar’ imisaka, ata n’umuntu ata n’ūkihaba ata n’igitungwa;


Rāba nzobigera, ni jewe Uhoraho mbivuze, mbagarukane kur’ iki gisagara; kandi bazokirwanya bagitsinde, bagitongoze umuriro: kand’ ibisagara vy’i Buyuda nzobigira imisaka, ata wukihaba.


Abo mu bisagara vyose bahungishijwe n’urwamo rw’abagendera ku mafarasi n’urw’ abanyamiheto; banyegera mu bisaka, būrira ku bitandara hejuru: igisagara cose gisigara ar’ umurara ata n’umwe akihaba.


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mwabonye ivyago vyose nateje i Yerusalemu, n’ibisagara vyose vy’i Buyuda; kandi none rāba, uyu musi hasigaye ar’ imisaka, ata muntu akihaba;


Nk’uko ndiho, ni k’Umwami agize, ari we yitwa Uhoraho Nyen’ ingabo, n’ukuri nk’uko Tabora umeze ku yindi misozi, kandi nk’ uko Karumeli umeze ku kiyaga, ni k’ūgiye kuza azoza ameze.


Eh’ azodūga nk’intambge ivuye kuri Yorodani iyo rwigize akagabo, ngw atere ahantu h’itsitsi hakomeye: ariko nzotuma ahahunga giturumbuka, kand’ uwo nzotoranya ni we nzoshinga ngw ahaganze: none ni nde ahwanye nanje? Kandi ni nde azonshingira igihe? Kandi ni nde mwungere yohangara guhagarara imbere yanje?


Ni co gituma intambge yo mu kibira izobica, n’ibingira rigendagenda uko buhwibiriye rizobasahura, n’ingwe izotegera ku bisagara vyabo, maz’ ūbisokorokamwo wese atabagurwe; kuk’ ukugabitanya kwabo ari kwinshi, n’ugusubira inyuma kwabo kukaba kurenze urugero.


Abisirayeli n’intama zisābagiye; intambge zarabasanzaje: umwami w’i Ashuri ni we yabanje kubarotsa, ubuheruka Nebukadineza uyo, umwami w’i Babuloni, yabajanjaguye amagufa.


Eh’ azodūga nk’intambge ivuye kuri Yorodani iyo rwigize akagabo, ngw atere ahantu h’itsitsi hakomeye: ariko nzotuma bahunga bahave giturumbuka, kand’ uwo nzotoranya ni we nzoshinga ngw ahaganze: none ni nde ahwanye nanje? Kandi ni nde azonshingira igihe? Kandi ni nde mwungere yohangara guhagarara imbere yanje?


Gufuhagira kw’amafarasi yiwe kwumvikana i Dani; igihugu cose gihindishwa agashitsi no kwumva kuroherana kw’amafarasi yiwe y’intambara; kuko baje, kandi bākegese igihugu n’ibiri muri co vyose, bo n’igisagara n’ababa muri co bose.


Kand’ i Yerusalemu nzohahindura ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge; kandi n’ibisagara vy’i Buyuda nzobihindura amatongo, ata wukihaba.


Kand’ ibisagara vyuzuyemw’ abantu bizocika ibitongozi, igihugu na co gihinduke imisaka; namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Kandi nzokurekurirak’ ubushangashirwe bganje, nkwakirizek’ umuriro w’ uburake bganje, nkugabure mu maboko y’abantu bameze nk’ibikōko, bazi guhonnya.


riti Mwana w’umuntu, cura intimba uririre Farawo umwami wa Egiputa, umubgire, uti War’ ūhwanye n’umugunza w’ intambge yo mu mahanga; yamar’ umeze nk’ingona iri mu kiyaga; widimbagura mu nzūzi zawe, amazi uyatobesha ibirenge, uca iyondoyondo inzūzi zabo.


Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.


Ica mbere casa n’intambge, kandi cari gifise amababa nk’ay’ inkukuma; ndacitegereza, gushitsa ah’ ivyubi vyaco bihanyuwe, gikūrwa hasi, gihagarikwa ku maguru, cēma nk’umuntu, kandi gihabga umutima nk’uw’ umuntu.


Nzohindura ibisagara vyanyu imisaka, ahēra hanyu ntume hatamārirwa, kandi sinzomoterwa n’ugutamirana kw’ibimoga vyanyu munyosereza.


Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ