Yeremiya 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)6 Mushinge ibendera aherekeye i Siyoni: muhunge mwikize, ntimutebagane: kukw ehe rāba, nzanye ivyago biturutse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kandi hanyuma y’ivyo, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzogabura Zedekiya umwami w’Abayuda, n’ abasavyi biwe, n’abantu bazoba bagisigaye mur’ iki gisagara, batishwe n’ikīza n’inkota n’inzara, mbashire mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’abarondera kubica: azobicisha ubugi bg’inkota; ntazobagirira impuhwe cank’ akagongwe cank’ imbabazi.
nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.
Nuko haza abantu batandatu baciye mu nzira yo mu kirimba co haruguru cārābana n’i burārūko, umuntu wese afise ikirwanishwa c’icicanyi mu kuboko kwiwe; kandi hagati muri bo har’ umuntu yambaye impuzu zera, afise agahembe karimwo wino yo kwandikisha, akambaye kw itako. Nuko baraza, bahagarara i ruhande y’igicaniro c’umuringa.