Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Enda ni mukebge, munyiyegurire jewe Uhoraho, mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, mwebge bagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu; ubushangashirwe bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:4
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

muti Kuko bāmuvuyeko, bakosereza imibavu izindi mana, muti Bakamutēza umwikomo ibikorwa vyose vy’intoke zabo; muti Ni co kizotuma uburake bgiwe busukwa aha hantu, ntihagire ikibuzimya.


Kand’ umuco w’Abisirayeli uzoba nk’umuriro, kand’ Uwera wabo azoba nk’urubeya: uzoturira utongore amahwa yiwe n’imikere yiwe ku musi umwe.


Kukw ikirundo c’inkwi citeguwe uhereye kera, mbere citeguriwe umwami; Uhoraho yakigize kirekire kandi kinini; ibigikomanije n’umuriro n’ibigiga vyinshi; impwemu z’Uhoraho zimeze nk’ umugezi w’amazuku ni zo zibidometse.


Ikangure, ikangure, vyuka uve hasi, ewe Yerusalemu, uwo Uhoraho yasomesheje ku gikombe c’uburake bgiwe; wanyoye ku gakarabo ari ko gikombe c’ukudandabagiranya, uracīrāngūza.


Kandi nzotuma bijanwa n’abansi bawe mu gihugu utazi: kuk’ umuriro ucanywe kubg’ uburake bganje, uzobatongora.


Ewe nzu ya Dawidi, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye uko bukeye, mukize ūnyazwe mumukūre mu kuboko kw’ūmuhahaza, uburake bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


Kandi nanje ubganje nzobarwanya, mbarwanishe ukuboko kubānguye n’ukuboko kw’inkomezi, ndi n’ishavu n’ubushangashirwe n’uburake bg’inkazi.


Rāba ikirura canje, jewe Uhoraho, ni bgo burake bganje, kirahinze, mbere n’ikirura c’imvugusi: kizorindimukira ku mitwe y’abanyavyaha.


Kumbure bokwitwara k’Uhoraho, bagahindukira, umuntu wese akareka inzira yiwe mbi: kuk’ uburake n’ubushangashirwe, ivyo Uhoraho yabūye kur’ ubu bgoko, ar’ ibihambaye.


Bigatuma Uhoraho atagishobora kuvyihanganira, kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyanyu, no kubg’ ibizira vy’ ubuyobe mwakoze; ivyo ni vyo vyatumye igihugu canyu gihinduka imisaka n’akajoreza n’ikivume, ata wukikibamwo, nk’uko bimeze n’ uyu musi.


Eh’ imisi igira ize, ni k’Uhoraho agize, ngo mpane abākebge ariko batākebge nyakuri;


ni bo Banyegiputa n’Abayuda n’Abanyedomu n’umuryango w’Abamoni n’Abanyamowabu, bose abica amasoso, n’ababa mu bugaragwa; kukw amahanga yose ar’ intakebga, kand’ umuryango wose w’Abisirayeli n’intakebga mu mitima.


Uhoraho yashikije ubushangashirwe bgiwe, yarekuye uburake bgiwe bg’inkazi; Kandi yadometse umuriro muri Siyoni, utongora n’ amatanguriro yaho.


Kandi nzogucira urubanza ruhwanye n’urwo bacira abagore b’abasambanyikazi n’abagore bavisha amaraso; ishavu n’ifuhe ngufitiye nzotuma bikuvisha amaraso nawe.


Ni mute kure ibicumuro vyanyu vyose mwacumuye, mwironkere umutima musha n’impwemu nsha: n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, n’ ukuri ngira mbe Umwami wanyu, mbaganzishe ukuboko gukomeye kandi kubanguye, n’uburake busukumbuka.


Nanje n’uko nzokubita amashi ku yandi, kandi nzokwimara ishavu: ni jewe Uhoraho mbivuze.


Mu myanda yawe harimw’ ubushakanyi; kuko nagutunganije, ntutungane, nta ho uzokwongera gutunganywa ng’uvekw imyanda yawe, gushitsa aho nzoba nkwimazekw ishavu ryanje.


Nanje, kugira ngo biserure uburake bganje bgo kwīhōra, nasutse ayaco maraso ku rutare rugaragara nyene, ngo yoye gutwikirwa.


ko mwinjije abanyamahanga batākebge mu mitima no ku mibiri ngo babe ahēra hanje, ngo bahumanye ingoro yanje, igihe mutanga ivyo kurya vyanje vy’ ibinure n’amaraso, maze bakica isezerano ryanje, bakongereza ku bizira vyanyu vyose.


Ūri kure azokwicwa n’ikīza, ūri hafi azokwicwa n’inkota; kandi n’ ūsigaye asāgirijwe azokwicwa n’ inzara: uko ni ko nzokwimara uburake mbafitiye.


Ni co gituma nanje nzobakorera ivy’ uburake; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: naho bazontakambira mu matwi, bashize amajwi hejuru, sinzobumviriza.


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe ndi n’uburake, kandi nzobahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.


ari kwo kwatumye nanje nnyuranya na bo, nkabahindira mu gihugu c’abansi babo; kandi ni bicisha bugufi ico gihe mu mitima yabo imeze nk’imibiri itakebge, bakarīmbūka, bakemera yukw ibihano bāhanwe ar’ ivyazanywe n’ibigabitanyo vyabo;


Jewe Uhoraho abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho; noye kuzosūmira inzu ya Yosefu nk’ umuriro, nkayitongora, i Beteli hataribuboneke uwo kuyizimya.


mutaratūmūrirwa kure nk’umuguruka, kand’ uburake bg’Uhoraho bg’inkazi butarabashikako, mbere wa musi w’ uburake bg’Uhoraho utarabashikīra.


Kuko gukebga kugira ico kukumarira, iyo witondeye ivyagezwe: arikw iy’ ucumuye ku vyagezwe, ugukebga kwawe kuba gucitse ukudakebga.


Nuko mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, kandi ntimukomeze kugamika amazosi.


Kand’ Uhoraho Imana yanyu azokūrah’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, n’ukwo mu mitima y’uruvyaro rwanyu, kugira ngo mumukundishe imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, mubone kubaho.


Kuk’ umuriro w’uburake bganje udometswe, Wātse, ugashika hasi i kuzimu, Ugatōngōra isi n’ivyeze kuri yo, Ukadomeka amatanguriro y’ imisozi.


Kandi muri we mwākebge ugukebga kutar’ ukw’ intoke, hamwe mwiyambura akameremere k’umubiri, ni kwo gukebga kwo muri Kristo;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ