Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Kuko numvise ijwi nk’iry’ umugore aramutswe, ubusinzikare bg’ūrikw aravyara umwana w’uburiza, ijwi ry’umukobga w’i Siyoni ahuzagizwa, ata amaboko, at’ Ewe jewe ndagowe! Umutima wanje ugwiriye igihumura imbere y’abicanyi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:31
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Siyoni hata amaboko, ntihabona uwohahūmuriza; Uhoraho yashinze ivya Yakobo, kw abamukikije bose bamubera abarwanizi: Yerusalemu habamereye nk’ ikintu giteye iseseme hagati muri bo.


Ni mwatega amaboko yanyu nzobahisha mu nyonga hanje; mbere naho mwosenga amasengesho menshi sinzobumviriza: amaboko yanyu yuzuyekw ibitenga vy’amaraso.


Abo wironkeyekw abagenzi ni yabashira hejuru yawe ngo bakuganze, uzovuga iki, kand’ ari wewe wabiyigishirije? Mbeg’ umubabaro ntuzogufata nk’uw’ umugore ari ku nda?


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


Iyo mvuga ubutumwa, singira ico nirata; kuko mfise ikingōbēra: ntavuze ubutumwa nobona ibara.


ngo Mubgire umukobga w’i Siyoni, Muti Rāba, Umwami wawe aje kuri wewe, Ar’ umutekerezi, agendera ku ndogoba, Mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Mbonye ibara! Kuko mmeze nk’igihe c’iyerūra ry’amatunda yo mu ci, nk’uduhūmbga two mu ruzabibu: ata n’agahando ko kurya; umutima wanje wifuza agasukoni k’isega.


Azofatwa n’ibise nk’ivy’ umugore aramutswe: n’umwana w’imburabgenge; kukw igihe co kuvuka kigeze, ntava mu menshi ngw avuke.


Umusore n’umutāma barambaraye hasi mu nzira; Abigeme banje n’imisore yanje bahindikiranijwe n’ inkota; Wabatikije ku musi w’uburake bgawe; warabariritse ata kagongwe.


Uhoraho we, ni witegereze, kuko ndi mu magorwa; amara yanje aradobangana; Umutima wanje urandida mu nda; kuko nagararije birengereje: Hanze inkota iraririka, no mu nzu na ho har’ urupfu.


Umwami w’i Babuloni yumvise inkuru zavyo, amaboko yiwe arareganuka: uburibge buramufashe, nk’ibise vy’umugore aramutswe.


I Damasiko haradendebukiwe, harakimiranye ngo hiruke, hafashwe n’agatengo: uburibge n’ umubabaro vyahafashe nk’umugore aramutswe.


Eh’ azodūga aguruke nk’inkukuma, asānze amababa i Bosira: kand’ umutima w’abahizi b’i Edomu kur’ uwo musi uzohinduka nk’umutima w’ umugore ari ku bise.


I Keriyoti haratsinzwe, ibihome bineshejwe giturumbuka; kur’ uwo musi imitima y’abahizi b’i Mowabu izomera nk’umutima w’ umugore ari mu bise.


at’ Uku ni k’Uhoraho akubariye, ni we Mana y’Abisirayeli, wewe Baruki:


Banza mubaze, murābe ko hogira umugabo aja ku nda ngw avyare: none n’iki gitumye mbona umugabo wese yifashe ku mafyinga nk’umugore aramutswe, mu maso ha bose hagahindurira?


Ewe uba kuri Lebanoni, ukārika icāri cawe mu masederi, es’ ukuntu uzoba uteye akagongwe igihe ibise bizoba bigufashe, nk’umubabaro w’umugore aramutswe!


Kubg’ ivyo tanga abana babo ubahe inzara, ubagaburire ubugi bg’inkota; abagore babo ni babure abana babo, bateko bapfakare; abagabo babo ni bicwe n’urupfu, imisore yabo ni yicwe n’inkota yo mu ntambara.


N’iki gituma uburibge bganje bgamaho, n’igisebe canje kikaba ikitavūrika, kikanka gukira? Mbega wombera nk’uruzi ruhendana, nk’amazi akamye?


Iyo nsohotse nkaja ku gahinga, nsanga abariritswe n’inkota; nashika mu gisagara, ngasanga abazingamitswe n’inzara! Kuko ba kamenyi n’abaherezi bagendagenda mu gihugu ata co bazi.


Ewe jewe ndagowe, ndatonekaye! Uruguma rwanje rurambabaje: maze ndavuga, nt’ Ereg’ aya n’amagorwa nyene, nkwiye gupfa kuyihanganira.


Umukobga w’i Siyoni mwiza yāmikaye, nzomurandura.


Eh’ aho nahoreye; naracereje, ndiyumanganya: noneho ndataka cane nk’umugore ari mu bise, nzohezagirika nsēmagiritse.


Ni co gitumye ikiyunguyungu canje cuzuye uburibge, ngafatwa n’ibise nk’ibise vy’umugore ari ku nda; ndaribga bituma ntashobora kwumva, ubgihebe bg’ubgoba butumye ntashobora kubona.


Bazokwiheba; umubabaro n’uburibge bibafate; bazobabara nk’umugore ari ku nda; bazorābana bumirwe; kandi mu maso habo hazohindurira nk’umuriro.


Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.


Ewe jewe ndagowe, kuko mba i Mesheki nd’ inyambukīra, Nkaba mu mahema y’i Kedari!


Umutima wanje urambiwe n’ukubaho; Ngira nziburure amajojwa yanje, Mvugishwe n’akabonge ko mu mutima wanje.


Maze Rebeka abarira Isaka, ati Numva ndundumiwe kubg’ abo Bahetikazi, nopfuma mpfa! Yakobo yorongora Umuhetikazi nka ba bandi, noba nkibēreyeh’ iki?


Nk’uk’ umugore akuriwe amera, iy’ igihe ciwe co kuvyara gishitse, aribga agatakishwa n’ibise vyiwe, uko ni ko twari tumeze imbere yawe, Uhoraho.


None se n’iki gituma uvuza induru? Mbega nta mwami ari muri wewe? Canke se umujanama wawe yapfuye, kw ibise bigufashe nk’umugore aramutswe?


Ribga, unihe, ewe mukobga w’i Siyoni, nk’umugore aramutswe; kuk’ ugira ng’ uve mu gisagara, ube mu gahinga, mber’ uzoruha ushike n’i Babuloni: iyo ni ho uzorokorerwa; iyo ni ho Uhoraho azogucungurira, agukūre mu maboko y’abansi bawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ