Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 None weho, ni wanyagwa, uzogira ute? Naho wokwambara impuzu zisa n’agahama, ukīsakara utugenegene tw’izahabu, ukīraba amarangi mu maso, uzoba washarije ubusa: abūzure bawe baragukēngēra, barondera ingene bokwica.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:30
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yehu ashitse i Yezireli, Yezebeli arabibarirwa; aca yīraba amarangi mu maso, asokoza umushatsi, araheza arungurukira mw idirisha.


Ntukifuze ubgiza bgiwe mu mutima wawe, Kandi ntagufatishe kubongeka ingohe ziwe.


Maz’ uno mugore aramusanganira, Yambaye nka kumwe kwa maraya, afise umutima w’ uburyarya.


None muzogira mute umusi muzoshikīrwa, no mw irandura rivudutse kure? Muzohungira kuri nde ngw abatabare? Kandi muzobītsa hehe ubutunzi bganyu?


Kur’ uwo musi ababa mur’ iki kiyaya c’ikiyaga bazovuga, bat’ Eh’ ivyo twizigira ingene bibaye, tukahaziga ko twohahungiye, bikadutabara ngo dukire umwami w’i Ashuri! None twebge tweho tuzokwikiza dute?


Abanyavyaha b’i Siyoni baratinye; agatengo gafashe giturumbuka abatubaha Imana. Muri twebge ni nde yoshobora kubana n’umuriro utongora, kandi muri twebge ni nde yoshobora kubana n’ikibengebenge kidahengeshanya?


Abo wironkeyekw abagenzi ni yabashira hejuru yawe ngo bakuganze, uzovuga iki, kand’ ari wewe wabiyigishirije? Mbeg’ umubabaro ntuzogufata nk’uw’ umugore ari ku nda?


Ewe uba kuri Lebanoni, ukārika icāri cawe mu masederi, es’ ukuntu uzoba uteye akagongwe igihe ibise bizoba bigufashe, nk’umubabaro w’umugore aramutswe!


Abūzure bawe bose barakwibagiye; ntibakikubabaye; kuko ngukomerekeje nk’ūkomerekejwe n’umwansi, ngukubise bga ruburakigongwe; ni kubg’ ibigabitanyo vyawe vyinshi, kukw ivyaha vyawe vyari vyiyongeranije.


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Natabaje abūzure banje, ariko barampemukira: Abaherezi banje n’abashingantahe banje bahwerereye mu gisagara, Bakiriko barayerera utwo kurya two gusama amagara yabo.


Kirāra kirarira mw ijoro, amosozi agacunduguta ku matama; Mu bakunzi baho bose ntihafise uwo kuhirura: Abagenzi baho bose bāraharyarutse, Bahindutse abansi baho.


Amaso yacu yakobowe no kurereka ugutabarwa kwacu, kand’ ata co bitumariye: Mu kurereka kwacu twiteze ihanga ridashobora gukiza.


Wari muri Edeni, mw itongo ry’Imana; wisakayek’ utubuyenge twose tw’igiciro kinini, twitwa odemu na pitida na yahalomu na tarushishi na shohamu na yasipi na safiro na nofekina na bareketi, bo n’izahabu: ubuhanga bgo kubāza udushako tw’ingoma n’imyironge bgar’ i wawe; vyari vyarateguwe umusi waremwako.


Mbeg’ uzosubira kuvugira imbere y’ūkwica ng’ ur’ Imana? Ushima uzoba ur’ umuntu buntu, ntuzoba ur’ Imana, ushitse mu maboko y’ ūgusogota!


Abo mwari mwifatanije bose bāragusohoye, bagushitsa no ku rubibe: abo mwari mwuzuye baragusutse, none barakunesheje; abo wagaburira bāguteze umutego: ariko ntiwabimenye.


tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,


Abo bahūza inama, baha ca gikōko ububasha bgabo n’ubutware bgabo.


Uyo abami bo kw isi bāsambana na we, ababa kw isi bakaborerwa vino, ni zo busambanyi bgiwe.


Uwo mugore yambaye impuzu y’inyambarabami n’iy’ agahama, yari yisakaye izahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, afise igikombe c’izahabu mu minwe cuzuye ibihumanya n’imyanda y’ubusambanyi bgiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ