Yeremiya 4:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)30 None weho, ni wanyagwa, uzogira ute? Naho wokwambara impuzu zisa n’agahama, ukīsakara utugenegene tw’izahabu, ukīraba amarangi mu maso, uzoba washarije ubusa: abūzure bawe baragukēngēra, barondera ingene bokwica. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Wari muri Edeni, mw itongo ry’Imana; wisakayek’ utubuyenge twose tw’igiciro kinini, twitwa odemu na pitida na yahalomu na tarushishi na shohamu na yasipi na safiro na nofekina na bareketi, bo n’izahabu: ubuhanga bgo kubāza udushako tw’ingoma n’imyironge bgar’ i wawe; vyari vyarateguwe umusi waremwako.