Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uku ni k’Uhoraho abarira abagabo b’i Buyuda n’i Yerusalemu, ati Ni mumene imishike yanyu, mureke kubiba mu mahwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 4:3
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

rizohora rikumerera imikere n’ibitovu, arik’ uzotungwa n’ibirimano vyo mu ndimiro;


arik’ umwaka ugira indwi muzireke zirāre, zibe imisito, kugira ngw abakene bo mu bgoko bganyu barye ivyimeza, maz’ uduhūmbga basize turibge n’ibikōko vyo ku misozi. N’uruzabibu rwanyu n’ibiti vyanyu vy’imyelayo abe ari ko muzobigenza.


Mubibe mugendereye ukugororoka, mubone kwimbura nk’ukw imbabazi ziri; mumene imishike yanyu; kukw igihe kigeze co kurondera Uhoraho, gushitsa ah’ azozira, akabarekurira imvura y’ubugororotsi.


Uwabibge mu mahwa ni we yumva iryo jambo, arik’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, akaba ikirumbirane.


Izindi zigwa mu mahwa, amahwa arakura, arazinyoha.


Izindi zigwa mu mahwa, amahwa arakura, arazinyoha, ntizama.


Izaguye mu mahwa n’abaryumvise, maze bariko barīgīra umwitwaririko wo mur’ ubu bugingo, bo n’ubutunzi n’ibihimbaro vyo muri bgo, bikabanyoha, ntibame imbuto nziza.


Izindi zigwa mu mahwa hagati, amahwa amerana na zo, arazinyoha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ