23 Nararāvye, mbona isi, nsanga ar’ imisaka irik’ ubusa gusa; n’ijuru n’uko, ata n’umuco rigira.
Isi yar’ ikir’ i buziba, yarik’ ubusa gusa, kand’ umwiza war’ upfutse idamba: kandi Mpwemu w’Imana yatambatamba hejuru y’amazi.
Kukw inyenyeri zo kw ijuru n’uburundo bgazo bitazokwaka, izuba rizocura umwiza rikirasa, n’ukwezi ntikuzobonesha umuco wakwo.
Kur’ uwo musi bazobabomboranira hejuru nk’ukw ikiyaga kibomborana: kand’ uwokwitegereza ico gihugu yobona har’ umwiza n’ivyago, kand’ umuco uzimanganijwe n’ibicu bihubikije.
Ni mwumirwe, mwa majuru mwe, muje mu gatengo, mujorerwe, ni jewe Uhoraho mbivuze;
Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.
Yaranjanye ancisha mu mwiza, atari mu muco.
Imbere yabo isi iratigita, n’ijuru rigahinda agashitsi; izuba rigacura umwiza bo n’ukwezi, kandi n’inyenyeri zigaca zireka kwaka.
Maze kur’ uwo musi, ni k’Umwami Uhoraho agize, nzorengesha izuba mu mashōka, nzane ubgirakabiri kw isi hakiri ku murango.
Kur’ uwo musi ntihazoba har’ umuco utamanzuye, ntihazoba n’ ikibūnda:
Hanyuma y’ayo marushwa y’ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n’inyenyeri zizokoragurika zive kw ijuru, n’ivy’ inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa.
Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.
Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.