20 Habūwe ubugesera bugerekeranye n’ubundi; kukw igihugu cose kinyazwe, amahema yanje anyazwe giturumbuka, mber’ ayo nashinze anyazwe mu kanya isase.
Idamba rihamagara irindi damba, kubgo kubomborana kw’amasūmo yawe: Imipfunda yawe yose n’imikuba yawe yose birandengeye.
Izina ryayo ry’icubahiro rihimbazwe ibihe bidashira; Kand’ isi yose yuzure icubahiro cayo; Amen, kandi Amen.
Uhoraho abarira Mose, ati Barira Abisirayeli, uti Mur’ ihanga ritagonda izosi; uti Yogendera hagati muri mwebge n’akanya isase, yobatikiza: uti Nuko rero ni mwiyambure utugenegene twanyu two gushaza, kugira ngw amenye ukw abagirira.
Ni muboroge, kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.
Umutima wanje uririra Mowabu; impunzi zaho zahungiye i Sowari n’i Egilati‐shelishiya; ahadūga haja i Luhiti ni ho badūga barira ingenda; no mu nzira ija i Horonayimu ni ho batakira ugutaka kw’ubgihebe.
Ni witegereze i Siyoni, umurwa twagiriramw’ imisi mikuru yacu: amaso yawe azobona i Yerusalemu hasigaye hatsimbataye har’ amahoro, ar’ ihema ritazokūrwaho, imambo zaryo ata ho zizoshingūrwa, ata n’ umugozi waryo uzocika.
Arikw ivyo vyompi bizokugwako umusi umwe, kubura abana no gupfakara: bizogushikako uko vyakabaye, nah’ ubupfumu bgawe bgoba bginshi bute, n’ amahezayo yawe akaba isinzi.
Tāzānura ikibanza c’ihema ryawe, ni bāgure amahema y’ah’ uba; ntugarukize hafi; wungure imigozi yaryo, ushimangire imambo zaryo.
Bāhagize amatongo; haramborogera, kuko habaye ibitongozi; igihugu cose n’amatongo, kukw ata wigeze kubishirak’ umutima.
Abampīga ni bamāramāre, ariko jeho noye kumāramāra; ni bacike ivutu, ariko jeho noye kuricika: ubashitseko wa musi w’ivyago, ubageseze umurengera.
Nzogeza ryari kubona ibendera, no kwumva ijwi ry’inzamba?
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Igihugu cose kizoba imisaka; yamara sinzogiherengeteza rwose.
Mushinge ibendera aherekeye i Siyoni: muhunge mwikize, ntimutebagane: kukw ehe rāba, nzanye ivyago biturutse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.
banyaruke, batangure kuborogera ivyacu, kugira ngw amaso yacu acundugute amosozi, amazi yisuke ava mu bigohe vyacu.
Ibiteye ubgoba n’urusumanyenzi bidushitseko, bo n’ ubugesera no kuranduka.
Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega ntibizorushiriza kuba birtyo kuri Yerusalemu, igihe nzoharekurira ivyo bihano bihambaye ukw ari bine, ni vyo nkota n’inzara n’ibikōko vy’inkazi n’ ikīza, kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungano?
Ewe wa musi mubi! Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.
Ivyo ni bitātuma munyumvira, nanje nzokwongera kubahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.
Kandi ni mwashishikara kugenda munyuranya nanje, ntimunyumvire, nanje nzokwongera kubateza ivyago ibihetangabo ndwi bihwanye n’ivyaha vyanyu.
nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe, nzobakubita ibihetangabo ndwi jewe ubganje, mbahōra ivyaha vyanyu.
nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe ndi n’uburake, kandi nzobahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.
Nabonye amahema y’i Kushani ari n’umubabaro, N’ibihuzu vy’amahema yo mu gihugu c’i Midiyani bihinda agashitsi.
ati Ni mwitandukanye n’iri shengero, ndarirandure mu kanya isase.
ati Ni mwīgireyo, muve mur’ iri shengero, ndarirandure mu kanya isase. Baca barapfukama, barūnama.
Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.
Bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira, kuva mu nyonga h’Umwami no mu bgiza bg’ubushobozi bgiwe,